Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu vyo muri Afrika birabangamiwe n’indwara ihonya imyumbati - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibihugu vyo muri Afrika birabangamiwe n’indwara ihonya imyumbati

Ibihugu vyo muri Afrika birabangamiwe n’indwara ihonya imyumbati

mardi 7 Rusama 2013

Igiterwa c’umwumbati gisanzwe kigaburira abantu barenga imiliyoni amajana atanu kw’isi yose caratewe n’indwara iriko irakwiragira muri Afrika yose.

Nico catumye mu gihugu c’Ubutaliyano habera ikoraniro ry’abahinga b’abashakashatsi n’abagiraneza kugira bagerageze gutora umuti w’iyo ndwara ishobora guhonya igiterwa c’umwumbati.

Nk’uko vyasiguwe n’umushakashatsi w’umufaransa aba muri Saint-Louis mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Claude Fauquet , ibimenyetso vy’iyo ndwara yateye imyumbati yitwa CBSD (Cassava Brown Streak Disease) mu rurimi rw’icingereza, bikaba ahani bibonekera mu mizi kuko amababi yo aba asa uko bisanzwe. Imizi ari nayo myumbati irirabura, igatuma iyo muymbati itoshobora gufungurwa naho hoba ku bikoko.

Umuhinga Claude Fauquet amenyesha ko indwara zitera imyumbati zishobora gutorerwa umuti nk’uko vyashobotse ku zindi ndwara zose.

Tubamenyeshe ko iyo ndwara yari yaratujijwe mu mwaka w’1935, isubira iragaruka inyuma y’imyaka irenga cumi muri Afrika y’ubuseruko. Kuva ico gihe, igenda irakwiragira mu burengero bwa Afrika mu bihugu nka Tanzaniya, Kenya, Mozambique.

Iyo ndwara ikaba yikekwa mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo gisanzwe kigira gatatu kw’isi yose mu kwimbura igiterwa c’umwubati, hamwe no mu gihugu ca Angola, ubu ikaba iriko itera ija mu bihugu vya Ouganda, Malawi, Rwanda n’Uburundi.

Amakenga menshi akaba ari ubwoba ko na Nigeriya igihugu ca mbere kirimwo abantu benshi muri Afrika gishobora gushikirwa kandi cari gisanzwe cimbura amatoni cumi y’imyumbati. Muri Nigeriya bakaba bari ku ntambwe yo gushikira igihugu ca Thaïlande, aho igiterwa c’umwumbati gitunze abanyagihugu batari bake.

Mu gihe igiterwa c’umwumbati cimburwa mu bihugu ijana na bitanu kw’isi yose, umushakashatsi Claude Fauquet amenyesha ko iyo ndwara ikwiragira biciye mu guhanahana mu gusubiriza no guhanahana ibikoti vy’imyumbati.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.