Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibimenyetso indwi bigaragaza umubeshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibimenyetso indwi bigaragaza umubeshi

Ibimenyetso indwi bigaragaza umubeshi

mercredi 29 Rusama 2013

Ni nde muntu atazi aka kagani kavuga ko umubeshi adashobora kukuraba mu maso mu gihe ariko aravuga? Iyo umuntu ariko arabesha biragora ko atumbereza amaso yiwe k’uwo baba bariko baravugana kuko haba hari ico yiyotsa. Hari n’ibindi bimenyetso vyagaragajwe n’abahinga mu nyifato y’umubiri bishobora gufasha kumenya no gufata umubeshi n’ubwo yogerageza kubabesha ku mugaragaro.

1. Amaso yiwe aramurega

Agatwengo ntigashobora guhisha ikiri ku mutima n’ibimenyetso bigaragara mu maso hiwe birerekana ivyo aba ariko ariyumvira. Abahinga bagasaba kwibanga cane mu bimenyetso bitaboneka vyo mu maso agira kuko ariho usanga bigoye ko umubeshi abihisha. Ni ukuraba amatama yiwe ingene ahindagurika, ingene amazuru aguma apfunapfuna, guhema cane muri uwo mwanya, no gukubita birengeje kw’amaso yiwe.

2. Ibimenyetso vy’umubiri wiwe n’ivyavuga birahura

Ni ivyankenerwa kwigira hamwe inyifato y’umubiri agira atari ukuraba uruhande rumwe gusa. Ni ukwitondera kuraba ingene amera iyo ariko aravuga n’ivyo avuga ko bijanye mutibagiye kwumviriza n’ijwi akoresheje mu kuvuga. Umubeshi usanga yafatanije amaboko n’amaguru nk’umuntu yifashe neza, kenshi aba yazingiye amaboko inyuma mu mugongo kugira ntibabone ingene intoke ziwe aza arazihindukiza, agahindukira gake gashoboka kugira ntafatwe.

3. Uburyo atwenga

Agatwengo rimwe na rimwe karashobora guhisha ibigumbagumba biri mu mutima. Ni mwihweze cane igihe ariko aratwenga n’ingene mu maso hiwe hameze. Muzoshobora kumenya ikiri muriwe n’ico yashatse kunyegeza, nk’ubwoba, canke ishavu. Ugutwenga nyakwo, gufatanya iminwa n’amaso y’umuntu. iyo umuntu atwenze yigirishije amaso n’umunwa ntibiba biryohewe kumwe.

4. Uburyo avuga

Ihinduka ry’ijwi mukuvuga rirafatisha umubeshi, ariko abahinga mu nyifato, basaba kwibanga k’ukungene aba ariko aravuga n’ukungene aba ariko arahema. Mubonye agabanije canke yongereje ari uguhema canke ukuvuga, birashobora kuba ari ibimenyetso ko atavuze ukuri.

5. Ivyo aba avuze b’ibiki ?

Ababeshi kenshi usanga badakunda gukoresha utujambo nka « mugabo », « canke », « ariko ».Ikindi naco, ababeshi ntiboshoka bakoresha ubwa mbere utujambo nka « ndi », « jewe », « wanje. » Mukuvuga baranyarutsa, amajambo bakayafatanya kugira umuntu ntamenye ico yashatse kuvuga neza.

6. Inyifato yiwe iteye amakenga

Abahinga mu vy’inyifato y’umubiri bibaza ko igihe umuntu atanguye guhindura inyifato yahora afise, ariwo mwanya wo gutangura kwihweza neza umubeshi. Kwiga ijwi ryiwe ingene rigenda, ari amaboko n’ibindi bihimba vy’umubiri wiwe ugereranije n’uko yahora ameze. Akarorero, umugabo ashobora kubwira umugore wiwe ati, « nakunze impuzu wanguriye » akoresheje intwengo idahwanye n’ivyo avuze, umugore wiwe arashobora kubona ko umugabo yanezerewe vy’ukuri canke bitamushimishije.

7. Mukubazwa ibibazo

Birumvikana ko umuntu arabisha ahandi amaso yiwe igihe bamubajije ibibazo bigoye kugira abanze kuvyiyumvirako. Ariko mu gihe yanse kukuraba mu maso umubajije ibibazo vyoroshe kwishura, n’uko aba ata kuri kuba kuri muri we, ariyo nayo mpamvu yo kuhamerera magabo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.