Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibimenyetso vyerekana umugenzi nyakuri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibimenyetso vyerekana umugenzi nyakuri

Ibimenyetso vyerekana umugenzi nyakuri

lundi 9 Nyakanga 2013

Ubugenzi buri kwinshi, hari ubugenzi bufatinye ku nyungu, hari ubugenzi buhurikiye ku bikorwa, hari ubugenzi buba buvuye kuco abantu baba bahurijeko n’ubundi buza buvuye k’umwumvikano. Ariko muri iyo mice yose y’ubugenzi, hariho isano kuri bose, yaba ubugenzi bwa hafi canke bwa kure: ugusangira n’ukwumva ibintu mu nzira imwe.

Ubugenzi ni intanduruko y’iterambere rirama mu mibereho ya minsi yose, iyo butabaye inshingiro, ivyo bikorwa ntibiheza ngo birame. Jeanne Simon, umuhinga mu bijanye n’inyifato, aremeza ko ubugenzi bufise inguvu nyinshi mu mibano, avuga ko iyo ubugenzi bumeze nk’ubuhagarara bivuye ku umvo z’umwe canke bompi babiri, si vyiza gutanako amakosa, ahubwo ni ukwigira hamwe iyo ingorane iba yavuye kugira bakingire ubugenzi buba buhari. Ati: "Iyo umuntu akugiriye ikosa mwahora muri abagenzi, ntukarabe ivyo aba akoze muri uwo mwanya, ahubwo raba ko yahora abikora canke ariyo kamere yiwe, hanyuma mubiganireko, kuka ata muntu atihenda mu buzima".

Jan Yager, umuhinga amaze imyaka 30 yigisha kubijanye n’ubugenzi yuhiriye inyigisho za Jeanne Simon umuhinga mu vy’ inyifato, aremeza nawe ko kugira umenye umugenzi nyakuri, ni uko muba mumaze kumarana ikiringo kitari gito, musangira, mukorana ibitari bike kugira wige inyifato ziwe n’ingene yigenza muri kumwe iyo habaye ingorane. Abo bahinga ukwo ari babiri, baragerageje gusigura itandukanirizo riri hagati y’umugenzi asanzwe n’imugenzi nyakuri.

Umugenzi asanzwe, n’umuntu muba mumaze kumenyana ariko ata vyinshi muba muzinanyeko. Uyo ashobora no kwitwa umugenzi mwiza kuko uyo mugenzi iyo muhuye mugira ibihe vyiza, mugasangira ibiyago, mugahanahana mbere n’ivyiyumviro mu bijanye n’akazi canke n’ibindi bintu bishobora kubahuza, ari kwinonora imitsi canke kwungurana ubwenge. Bene ubwo bugenzi busanzwe bukomera ningoga kuko buba buhuriye ku nyungu zimwe. Ahanini, igihuza ubwo bugenzi, ni uburwaneza, gusubirizanya mu ndumane, n’umutima wo gushigikiranira. Iyo hagize igisambura ubwo bugenzi naho, akenshi usanga biba bivuye ku nyungu barondera umwe wese ukwiwe, aho habuze ugusubirizana mu ndumane ku ciza kiba cakozwe, gukwiragiza urukurukuru canke iyo abo bafitaniye ubugenzi batandukanye bakaja kure na kure.

Nayo ubugenzi nyakuri, ikibumenyesha kandi kikabukomeza gishimikiye ku bintu bintu 5:

Ukwitanga, ukwizerana, ukuba umunyamabanga atararaza, ukuba imvugakuri, n’imibano myiza.. Umugenzi nyakuri ntarondera inyungu ziwe gusa, amenya kahise, n’imibereho vya mugenziwe, ibimubabaza n’ibimunezera, ugukorera hamwe mu ntumbero imwe nivyo bibaranga. Igihuza ubwo bugenzi, ni ugushigikirana muri vyose, yaba mu mahirwe canke mu magorwa. Ikibwica naco canke gikunze kubusubiza inyuma, ni ukungene umwe ashobora kwitanga kututa uwundi muri ubwo bugenzi, itandukaniro rivuye ku nyungu umwe wese aronka mu vyo baba bakorana, imibereho ya minsi yose, canke iyo hagize ishari ryiyadukiza.

Umugenzi nyakuri si uyo akurondera iyo wifise canke iyo ufise icomuteza imbere, ariko akurondera ataco ufise, akwipfuza ko muhuza ivyiyumviro kugire mwubake kazoza keza.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.