Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu 10 bidakwiye gukorwa ku bijanye n’imiduga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibintu 10 bidakwiye gukorwa ku bijanye n’imiduga

Ibintu 10 bidakwiye gukorwa ku bijanye n’imiduga

lundi 20 Rusama 2013

Umuduga ni ikintu usanga abantu bakunda, mbere bakagifata neza kugira bakibungabunge. Ariko, ni igiki kibabaje gituma abantu bose badafata umuduga co kimwe mukuwufata neza?

Ng’uru urutonde rw’ibintu bibababaza abagendesha imiduga mu gihe umuduga wabo bawuhaye uwundi muntu.

1) Kutanywa itabi

Ivyo usanga ari ukuri ariko benshi baracafise ingorane yo guhagarika no kunywa itabi m’umuduga. Mu mwotsi w’itabi hakanye, uja ku biyo vy’umuduga, uwuriko aratwara umuduga nawe ntaheza ngo abone neza iyo ariko araja na rirya itabi ryari risanzwe atari ryiza ku magara y’abantu, ikibabaje ni uko benshi usanga atangorane bibatera kunywera itabi m’umuduga .

2) Kudakorakora utwuma two mu muduga

Ikitari ciza, bishoboka ko iyo modoka idafise intebe zigezweho zikoreshwa n’ubuhinga bwa none, ivyo bigaca bituma uwuwugendesha ategerezwa kuza arahindura intebe n’amaboko kandi amaboko yarategekanijwe kwibanga gutwara gusa kugira yirinde impanuka zohava zimushikira atavyiteguriye.

3) Kudafungurira canke kutanywera mu modoka

Mu minsi yakaruhuko, muba mwiriwe muragira isuku aho muba. Ariko ikibazo gica kiza aho « imodoka zozo ziribukwa kugirirwa isuku ?» Mwokwemeza y’uko mudashavura mu gihe musanze imodoka yanyu idasa neza n’intebe zayo zuzuye ivyo mwaharirirye? Iyo umuduga utagirirwe isuku, uwuwugendesha ntaheza ngo awugendeshe neza nk’uko vyategerezwa kumera.

4) Kudahora kw’iradiyo y’umuduga

Iradiyo ni ikintu usanga kenshi gisamaza abagendesha imiduga mu gihe bariko barumviza indirimbo canke amakuru. Akenshi usanga abakironka uruhusha rwo gutwara umuduga aribo bageramirwa cane mu gushaka kuza barakorakora iradiyo, ivyo navyo bigashobora kubateza impanuka kuko baba bagihababukiye umuduga.

5) Kutonona umuduga

Abevyeyi benshi usanga batije imiduga abana babo ngo bayigendeshe. Abo n’abo bagaca batumira bagenzi babo kugendera muri uyo muduga. Hari n’aho bashobora kuyigendesha m’umuvuduko urengeye urugero bakanayicisha ahantu hatameze neza bigatuma yononekara cane.

6) Kudahonyoza amaguru ahari hose

Bamwe mubagendera mu miduga kenshi usanga biyicariye uko bashaka nk’uko umenga boba bari mw’isaro iwabo. Amaguru yabo bakayatereka kumadirisha canke ku miryango y’umuduga kandi atari uko vyategerezwa kumera.

7) Kudatereka imfunguruzo z’umuduga ahari hose

Ikindi kintu kibabaje, usanga kenshi bamwe mubagendesha imiduga bapfa aho bashize imfunguruzo zawo. Nk’akororero, ashobora kuba uwo muvukana agire afate urugendo mu mahanga agaca abasigarana umuduga wiwe ngo muwumurabire, imfunguruzo zawo yazigumije m’umuduga. Ivyo si vyiza kuko imfunguruzo z’umuduka zitabikwa muri uwo muduga nyene.

8) Kudatyoza akomoto umuduga uba ufise

Ushobora kuba wagiye ahantu hafise akamoto kanuka ukahamara nk’iminota 15 ugaca usanga akamoto k’uwo muduga kahindutse kubera aho hantu wamaze akanya uhagaze. Haciye nk’akanya hagaca hinjira umuntu mwari musanzwe mwubaha agaca avuga ngo mu muduga wanyu haranuka.

9) Kudatyoza umuduga ubwawo

Nk’akarorero, ushobora kuba wunguruje umuntu m’umuduga wanyu, agaca atangura gutyoza umuduga wanyu, akawuvuga nabi : « Uyu muduga si mwiza, watiwe,.. » kandi muba mwamwunguruje mutarinze k’umutangisha n’amafaranga. Ni ukwirinda bene ivyo kuko bishobara kubatuma murakara hama ntimugendeshe umuduga neza.

10) Kudakorakora ivyuma vy’umuduga

Mushobora kuba mwama mukorakora k’uvyuma vy’umuduga mushaka guhindura nk’ibiwugize, haciye akanya uwundi muntu akaza akagira uko nyene, ugaca usanga umwe wese yabikoze uko avyiyumvira, ivyuma bikaja n’aho bitategerezwa kuja, ivyo navyo bigashobora kwonona umuduga wanyu.

Izi mpanuro zikurikijwe, impanuka nyinshi ziterwa n’imiduga zizoshobora kugabanuka eka n’abagendesha imiduga bohatorera akoyokwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.