Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu 10 Bob Marley yakoze bitangaje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibintu 10 Bob Marley yakoze bitangaje

Ibintu 10 Bob Marley yakoze bitangaje

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Kuwa 6 Ruhuhuma 1945 muri Jamaica havutse umwana yitwa Nesta Robert Marley yakuze avamwo igihangange mu mudiho wa Reggae yamenyekanye kw’izina rya Bob Marley. Ku myaka 36, Bob Marley yaciye asezera isi, iyo aba akiriho, uyu munsi yari kuba akwije imyaka 69.

1) Ururirimbo rwa mbere rwamenyekanye rwa Bob Marley

Mu mwaka w’i 1962, Bob Marley afise imyaka 17 yabana na nyina ari bakene cane. Umunsi umwe yahuye n’umufasha Leslie Kong yari ufise inzu ikora indirimbo yitwa Beverley amujana kuririmba ubwa mbere muri iyo nzu. Judge NotI niyo ndirimbo yiwe ya mbere yamenyekanye.

2) Bob Marley yasudira ivyuma

Nta bantu benshi bazi ko uwo yavuyemwo umuririmvyi rurangiranwa yahoze asudira ivyuma. Abarundi bati: Ico ukora ni co kigukora”, ivyo vyuma yasudira vyamukomerekeje ku jisho ry’ibubamfu, bimutera kubiheba maze yigira mu muziki.

3) Kugeza mu mwaka w’I 1972, Bob Marley yaramaze gukora indirimbo zigera kuri 350

Bob Marley yageze mu mwaka w’I 1972 amaze gukora indirimbo 350, gushika kuri izo ndiririmbo ntiyari bwa menyekane cane, ngo yihebereye umuziki, kuko inyuma yahoo gato mu mwaka w’I 1969 yakora mw’ishirahamwe Chrysler kugira yironkere udufaranga twomutunga.

4) Umuririmvyi Eric Clapton niwe wamenyekanishije umuziki wa Bob Marley muri Amerika n’Uburayi

Mu mwaka w’I 1973, Umuririmvyi akomoka mu Bwongereza Eric Clapton yasubiyemwo ururirimbo I shot the sheriff, ya Bob Marley. Iyo ndirimbo yarakunzwe cane bituma abantu benshi batangura kumenya no gukwirikirana Reggae yamuka muri Jamaica. Ibi vyatumye Bob Marley amenyekana cane, inyuma y’imyaka ibiri hasohotse No Woman No Cry yabiciye bigacika ikanaba iya mbere mu kumenyekana ku rwego mpuzamakungu.

5) Bob Marley yarashwe amasasu menshi Imana irakinga

Mu mwaka w’I 1976, ku murwa mukuru wa Jamaica Kingston, abantu 6 bitwaje ibirwanisho bateye kwa Bob Marley barasa mu rugo iwe Imana irakinga ntawahasize ubuzima.
Icyo gihe umugore wiwe Rita, bamurashe mu mutwe ariko ararokoka.Bob nawe bamurashe mu kuboko, no mu gikaraza no mw’itako ariko Imana ikinga ntiyapfa. Bivugwa ko ico gitero cari categuwe n’umuhari utavuga rumwe na Reta ya Jamaica, bivugwa ko wari ushigikiwe na Amerika.
Igitangaje n’uko nyuma y’iminsi ibiri ivyo bibaye, Bob Marley yarabonetse mu giteramo yari yise Smile Jamaica i Kingston, igiteramo yaririmvyemo afise ibikomere yatewe n’amasase.

6) Bob Marley yarashoboye guhuza abansi babiri batacana uwaka

Mu giteramo One love One peace cabaye mu mwaka w’i 1978, Bob Marley yatumye abanyaporitike babiri bankana urunuka baramukanya. Abo ni Edward Seaga wo mu mugambwe JPL, na Michael Manley yari umushikiranganji wa mbere.
Ivyo vyatumye Bob Marley ahabwa umudari w’amahoro n’ishirahamwe mpuzamakungu(ONU) mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere (Third World peace medal)

7) Bob Marley yaryamanye na Miss Monde mu mwaka w’I 1976 baranavyaranye

Bob Marley bivugwa ko yakunda abagore. Ibi vyatumye akundana n’umukobwa yabaye uwa mbere mu bwiza kw’isi mu mwaka w’I 1976 yitwa 1976 Cindy Breakspeare. Uwo mukobwa baravyaranye umwana w’urukundo bise Damian, akaba ariwe muhungu wanyuma wa Bob marley. Yavutse mu mwaka w’i 1978. Bivugwa ko bakundanye cane kuko yaranamuririmbiye urururirimbo yise Turn your light down.

8) Bob Marley yarakunda umupira w’amaguru

Yarivugiye ati : "Umupira w’amaguru (football) ni urukundo…, ndawukunda kuko kugira ngo uwukine bisaba kuba umunyarukundo, ni nk’ubwisanzure".
Aha akaba yaranavuze ko muri ruhago ariho akorera imyitozo ngororamubiri nk’ uko vyatangajwe na Francis Dordor, umumenyeshamakuru yanditse igitabo kuri Bob citwa Destin d’une âme rebelle.

9) Bob Marley ashobora kuba yarakunda imodoka zo mu bwoko bwa BMW

Nk’uko uwanditse igitabo ku buzima bwa Bob Marley yabivuze, Bob Marley yakunda BMW ndetse wewe yabona ko ijambo BMW Bob Marley and the Wailers : "Nkunda BMW kubera ko ivuga Bob Marley and The Wailers, kandi ni imodoka nziza cane".
Ariko BMW risigura mu majambo yose Bayerische Motoren Werke

10) Bob Marley yoba yarasize abana hagati ya 11 na 40

Bob Marley yemerako yapfuye afise abana 11 yavyaye ku bagore 7 bose.
Bamwe mu bana biwe, baramukurikiye baba abaririmvyi ni nka Ziggy na Damian banabaye ibihangange.Uwitwa Rohan, we yamenyekanye kubera yarongoye igihangange mumuziki Lauryn Hill.

Bob Marley yarakuna agatabi k’urumogi kuko yizera ko karuhura imitima, yaranka cane inyama agakunda kwirira imboga. Mu baririmvyi yakunda Bunny Wailer.

Mu mwaka w’I 1977, ibipimo vyo kwa muganga vyerekanye ko arwaye cancer yo mw’ino ryiwe rikuru, Bob Marley yanseko ko iyo cancer bayiturira kuko ngo vyari binyuranye n’imigenzo y’aba rasta.Ibipimo vyo mu mwaka w’I 1980 vyerekanyeko cancer yari imaze gufata umubiri wiwe wose, ico yakoze Bob Marley yirinze kugira ico abwira abakunzi biwe kuri iyo ndwara, ahubwo y’abandanije ibikorwa vyiwe vy’indirimbo n’umwete mwishi.

Mu gitondo c’itariki ya 11 Rusama1981, mu bitaro vya Kaminuza y’i Miami, hatangajwe inkuru mbi y’urupfu rwa Robert Nesta Marley.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • @Ah Chérif Nkeshimana
    Ndi umukunzi w’umudiho wa reggae kandi nipfuza ko Bob Marley aramba. None kugire utang’iyi nkuru utagira ngo ni jour d’anniversaire y’uwo muririmvyi rurangiranwa, washatse gutanga ikihe cirwa? Gusa ko umurwi "Lion Story" uwukunda? Mu bintu cumi vyiza atari ibitangaza Bob Marley yakoze, ni bibiri: kuririmba neza no kunga barya banyepolitike. Ko nzi Emile Mworoha avuye i Harare mu butumire bw’umunsi mukuru wa indépendance du Zimbabwe yaje agaya abantu bakunda reggae kubera yabonye Bob Marley adasokoza akanaza amukubita mu ntoke avuga YEAH MAN, ku bwawe ubona umurwi "Lion Story" woshobora kunga CNDD-FDD na UPRONA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.