Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu indwi nyamukuru bituma umuntu asinzira neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibintu indwi nyamukuru bituma umuntu asinzira neza

Ibintu indwi nyamukuru bituma umuntu asinzira neza

lundi 22 Ndamukiza 2013

Gusinzira ukaruhuka ni ngira kamaro mu buzima bwa kiremwa wese.Iyo umuntu aryamye amasaha adakwiye,umubiri ntuheza ngo uruhuke nku’uko vyategerezwa kumera.

Aho umuntu yoca yibaza,ni ayahe masaha asabwa kugira ashobore kuruhuka. Igikuru si amasaha umuntu aryama kugira aruhuke.,kuko ashobora no kuryama n’amasaha arenga 12 ntaruhuke. Igikuru ni ukungene yigenza kugira ashobore kuryama neza kugire n’umubiri ushobore kuruhuka.

Ng’izi impanuro duhabwa n’umurongo ngurukanabumenyi www.jolune.com,zizobafasha gusinzira kugira murushirezeho kuruhuka neza. Izo nazo zikaba zifasha mu kugira amagara meza.
1) Gukora cane umunsi wose
Kwinonora imitsi biri mubituma itiro riza cane,ivyo navyo bigatuma umubiri usubira kugira inkomezi. Akarorero: iminota mirongo itatu irakwiriye ku munsi kugira umuntu ashobore kwinonora imitsi bikwiye. Ashobora no kunyonga ikinga,kwoga mu mazi no kugira imyimenyerezo y’inguvu.

2) Kwirirwa ku muco ku mutaga,mw’ijoro ukaryama ahatagira umuco na muke.
Ni vyankenerwa cane gukorera ibikorwa ku muco, canke hafi y’idirisha aho umuco ushika ningoga.Ivyo navyo bikaba bitera kuzana itiro.Iyo umuntu afise itiro,ntibimugora gusinzira. Hageze kuryama,birasabwa ko umuntu aryama ahatagira umuco na muke kugira asinzire neza. “Melatonine”,ni hormone ituma umuntu asinzira neza,iyo nayo ikaba iterwa n’ahantu hatabona canke n’ahantu hari umwijima.

3) Guhagarika inzoga,ibirimwo ikawa na nicotine.
Inzoga ziri mubituma itiro rigabanuka,Ikawa ihagarika gutora itiro,niconitine nayo ituma umuntu aza arakanguka mw’ijoro iyo aryamye.Ku muntu yipfuza gukira itiro ryiza,asabwa guhagarika ivyo vyose bibujijwe mu gukingira amagara yiwe.

4) Kureka icumba c’uburyamo kigahema mwagabanije n’igipimo c’ubushuhe.
Amategeko asaba kuryama hagati y’igipimo c’ubushuhe kiri hagati ya 15 na 17. Akayaga karakenewe mu cumba c’uburyamo,kuko ubwonko bukora neza iyo umuntu ariko ararota. Ivyo navyo bigasaba ivyo bita “oxygene” nyinshi. Ikindi naco,itiro riza neza mu kibanza gipfutse kurusha ahantu hashushe.

5) Gufata akanya ko kuruhuka imisi yose imbere yo kuryama
Ako kanya ni akaryo gatuma umuntu ahagarika imyitwariko yose aba yiriwemwo ku murango kugira aze gusinzira neza adafise ivyiyumviro bimubuza kuruhuka neza.Iyo umuntu atekanye mu mutwe,asinzira neza.Kugira bigufashe kuruhuka no kugabanya guhungabana, muri ako kanya,umviriza uturirimbo tworoshe canke musome ibitabo.Ivyo bizo gutuma usinzira neza.

6) Kwikangura imbere yuko “reveil”, kamwe gakangura kavuga
Umuntu yikanguye imbere yuko avyurwa n’isaha yashizemwo imuvyura, bituma adapfa uko yikanguye canke ngo akangagurike hagati mw’ijoro.Kugira bigufashe kuvyuka imbere yuko uvyurwa n’isaha washizeho ikuvyura,umuntu yorara abiteguye imbere yuko aryama kugira abishire mu mutwe ko azovyuka kare.

7) Gufata umwanya w’akaruhuko k’umurango kugira ugabanye uburuhe
Ubwo buryo, busaba iminota itanu y’akaruhuko igihe cose wumvise urushe k’umutaga.Kugira umuntu aruhuke Ivyo navyo bikaba bidasaba birebire,nubwo umuntu yo kwugara amaso,ukareka ivyiyumviro bikazunguruka mu mutwe,birafasha kuruhuka.Ikindi naco,kuruhuka iminota 20 inyuma yo guheza gufungura ku mutaga,biratuma umuntu agira inkomezi zikwiye.

Umuntu wese aripfuza kugira amagara meza.Kurya mu buzima atawanka ico atarabobana, uwarasanzwe afise ingorane zo gusinzira canke y’ibijanye n’itiro yogerageza gukuirikiza izo mpanuro arabe ko ata karusho gahari.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.