Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibipupe 5000 vy’umuganwa Georges biriko bidandazwa mu gihugu c’Ubwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibipupe 5000 vy’umuganwa Georges biriko bidandazwa mu gihugu c’Ubwongereza

Ibipupe 5000 vy’umuganwa Georges biriko bidandazwa mu gihugu c’Ubwongereza

samedi 9 Munyonyo 2013

Ibipupe 5000 vy’umuganwa Georges biriko bidandazwa mu gihugu c’Ubwongereza mu kwitegurira umunsi mukuru wa Noel.

Uwo muganwa azokwiza amezi 4 igenekerezo rya 22 Munyonyo 2013, agize uwa gatatu mu rukwirikirane rwo kuntebe y’ubwami mu gihugu c’Ubwongereza, mu minsi mikeyi ibi pupe 5000 bizoba bikwiragiye mu mazu. Amahinguriro akora ibi pupe vy’abana bo mu Bwongereza yisunze cane uwo muganwa George, niko gukora rero ivyo bi pupe bisa nawe. Kubera George Alexander agumana agateka k’uwuva mu ndi y’ibwami, hazosohoka ibi pupe 5000 gusa, kandi bizodandarizwa mu gihugu ca Royaume-Uni mu gihe c’imanza zirangiza umwaka. Vuba biradandazwa ku giciro c’amahera 57 akoreshwa i Buraya.

Uwakoze ico gi poupee ca George yashizemwo ubuhinga bwinshi nkaho uwuzokigura yohava yibaza ko afise umuganwa w’ukuri. Ico gi poupee ca George, kirarira, kiratwenga, kirinyagaza, kandi kirasinzirizwa iyo bakiririmbiye uturirimbo two gusinziriza abana. Gifise i centimetero 46, cambaye impuzu y’abana( babygrow ), n’agakingambeho(Jacket). Uwuguze George bamuhana ibibero bamuha bishitse akarira cane. Iduka(boutique) The Entertainer iriko idandaza iyo poupee ivuga uku : « George n’umwana mwiza akunda gutwenga, naho gake amera nk’uwushavuye. Iyo hari urwamo rwinshi ararira canke mu gihe atamerewe neza. »

Abazogura ico gipupe bafise amahirwe kuko nta mpuzu bazogihindurira.

George alexander de Cambridge yavutse igenekerezo rya 22 Munyonyo 2013 ku muganwa William na Kate Middleton. Agize uwa gatatu mu rukwirikirane rwo ku ntebe y’ubwami mu gihugu c’Ubwongereza. Yaronse ibatisimu igenekerezo rya 23 Gitugutu 2013, n’umungere mukuru w’i Canterbury, Justin welby mu ngoro y’i Saint James.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.