Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibisasu i Baghdad vyahitanye abantu benshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibisasu i Baghdad vyahitanye abantu benshi

Ibisasu i Baghdad vyahitanye abantu benshi

lundi 28 Gitugutu 2013

Urukurikirane rw’ibisasu vyaturikiye ku murwa mukuru wa Irake, Baghdad, vyahitanye abashika mirongo ine, maze bikomeretsa abarenga ijana.

Igipolisi kivuga ko ivyo bisasu vyaturitse bikurikirana cane, mu gisagara kibamwo abantu batandukanye, cane cane aba Islam b’aba Shia benshi. Muri ico gihe isoko ryuzuye abantu riri muri ico kibanza naryo nyene ryatu,berejwemwo ibisasu.

Urugero rw’ubwicanyi muri Irake rugeze ku rwego rutaribwahaboneke mu myaka itanu. Nkuko umumenyeshamakuru wa BBC ari i Baghdad abivuga, muri kuno kwezi honyene hishwe abantu bashika amajana ane.

Yavuze ko ibitero vyatumberejwe aba Shia co kimwe n’ibice bibamwo’inkehwa z’aba Suni,abanyagihugu rero bakaba bafise impungenge z’uko ubwicanyi bufatiye kw’idini bugiye kugaruka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.