IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ibitabo n’ibindi bikoresho bizokora mw’ishure shingiro biriko (...)

Ibitabo n’ibindi bikoresho bizokora mw’ishure shingiro biriko birategurwa

lundi 19 Myandagaro 2013

Ibitabu vy’umwigisha hamwe n’ivyo abanyeshure bo mu mwaka w’indwi bijanye n’inyigisho zo mw ‘ishure shingiro bizoba vyabonetse imbere y’uko umwaka w’ishure 2013 -2014 utangura. Iryo ni ihumure ritangwa n’ubuyobozi bw’itunganywa z’inyigisho mu mashure mato mato.

Ubuyobozi bujejwe itunanywa z’inyigisho zo mu mashuri mato mato riremaza ko ibitabu vy’abarimu hamwe n’ivyabanyeshuri bijanye n’inyigisho zizotangwa mw’ishure shingiro bizotangurana n’umwaka w’ishure w’2013-2014. Ivyo bikaba kandi vyemwezwa n’uwushinzwe igikorwa co gutunganya ivyo ibitabo, Tharcisse Habonimana.

« Ishure shingiro ryavutse mu ntumbero yo gutanga inyigisho kuri bose no kugabanya ubushomeri. Ihangiro akaba ari iryo guha abana inyigisho z‘akanovera zibafasha ubwabo zikongera zigafasha n’igihugu cose” Tharcisse Habonimana akaba yabimenyesheje mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru "Le Renouveau".

Yaranamenyesheje ko inyigisho zo mu mwaka w‘indwi zaramaze gutegurwa hamwe n’ibitabu vy’abigisha n’ivy’abanyeshure ubu vyamaze gushikanwa hamwe babikorera bakongera bakabisohorera (imprimerie). Ndetse ubu hakaba hatandukiriwe ugutegura ivyo mu mwaka w’8. Nayo abigisha baja bararonkejwe inyigisho mu bijanye n’ishure shingiro.
Kubwa Tharcisse Habonimana uwo mugambi ubandanya kugira bashigikire inyigisho kuva mu mashure y’intango gushika muri za kaminuza.
Ibisata vyose bijejwe inyigisho bizoba bishimangiye ku kwigisha abana ku kwikorera imigambi yabo mu gisata ico arico cose mu buzima no mu kibano.

Izo nyigisho zikaba zikozwe mu buryo bwo gufasha abanyeshure bazoba bahejeje ishure shingiro kwiga neza mu mashure y’imyuga. Inyigisho rero zikazogenda zisubirwamwo mu bice vyose vy’amashure.

Mu bisanzwe, vyari bikwiye ko basubiramwo inyigisho zisanzwe zihari kuko zishaje (zimaze imyaka 24). Ku bisigaye, nk’uko bisabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rya ONU rijejwe ivy’indero “UNESCO”, inyigisho zikwiye gusubirwamwo uko imyaka 10 iheze.

Ibisata 6 vy ‘ivyigwa nivyo bigiye kwigwa mu gishingo ca 14

Mu bintu bishasha iryo shure shingiro rizozana, nk’uko Habonimana Tharcisse yabimenyesheje, hari ivyerekeye ivyigwa bimwe bimwe bizoshirwa hamwe mu bisata 6 gusa aho intumbero ariyo kwigisha ibintu bikenewe gusa.
Aha rero twovuga nk‘igisata c’indimi, ibiharuro, ubuhinga n’ibindi.

Izo nyigisho zizoba zubakiye ku rurimi rw’ikirundi, ivyo navyo bikazofasha umwana kwumva hamwe no kumutuma yumva izindi ndimi nk’igifaransa, icongereza n’igiswahili.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.