Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitero vy’abihevyi muri Kenya, igipolisi c’Uburundi kiragavye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibitero vy’abihevyi muri Kenya, igipolisi c’Uburundi kiragavye

Ibitero vy’abihevyi muri Kenya, igipolisi c’Uburundi kiragavye

mardi 24 Nyakanga 2013

Kuva aho abihevyi batereye igihugu ca Kenya, igipolisi c’Uburundi kimenyesha ko cama kigavye kuva aho abasirikare b’abarundi bagiriye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya. Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, ku munsi w’ejo kuwa mbere, yamenyesheje ko igipolisi kiriko kirakora ibishoboka vyose kugira kirinde igihugu ibitero vy’abihevyi.

Uburundi, co kimwe n’ibindi bihugu biriko birafasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, vyagiye biraterwa ubwoba n’abihevyi, bimenyeshwa ko bazobitera, nibitakurayo abasirikare barungitseyo. Bimwe muri ivyo bihugu bikaba bimaze gukorwako ibitero nka Kenya na Ouganda, abanyagihugu bagapfa, abandi bakahakomerekera. Igipolisi c’Uburundi kiraremesha ko cameze amagabo mu kurinda igihugu ivyo bitero vy’abihevyi.

Tukivuga ayo makuru y’ibitero vy’abihevyi, mu gihugu ca Kenya, twobamenyesha ko inzego zijejwe umutekano za Kenya zimaze gutangura kugenzura uduce twose twa Westgate. Ku munsi ugira kane, ziriko zigerageza kugarura umutekano muri ico kibanza.

Kubw’amakuru dukesha BBC, humvikanye ikintu caturitse aho muri Westgate, hamwe n’amasasu, mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, ariko mu nyuma hari umupolisi yamenyesheje ko igikorwa carangiye.
Abantu baharurwa muri 62 nibo bishwe, abandi 170 barakomereka.

JPEG - 7.6 ko
Umushikiranganji wa Kenya ajejwe imigenderanire n’amakungu, Amina Mohamed

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe imigenderanire n’amakungu yamenyesheje ko ’’babiri canke batatu" mu bateye harimwo abanyamerika n’umwongereza.
Mu kiganiro yahaye insamirizi y’Abanyamerika PBS Newshour, Amina Mohamed yavuze ko abo banyamerika bafise imyaka 18 canke 19, bafise amamuko ya Somalia canke Abarabu, bakaba baba Minesota n’ahandi hantu. Uwo mwongereza nawe yari amaze gukora nk’ivyo kenshi muri kahise.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.