Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibuye riba mu mazi ariko amazi yo ntaba mw’ibuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ibuye riba mu mazi ariko amazi yo ntaba mw’ibuye

Ibuye riba mu mazi ariko amazi yo ntaba mw’ibuye

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Harya ibuye rishobora kumara imyaka myinshi mu mazi ariko ntirizokwigera ryinjirwamwo n’amazi birumvikana ko iyo urikuye mu mazi ataco biba bitwaye , ivyo bisobanura ko umuntu ashobora kuva ahantu ntumenye ko yahavuye kuko n’igihe yari ahari ataco yigeze akora.

Nk’uturorero tubiri, hari nk’abantu benshi baba mu madini canke mu mashengero ariko ugasanga bamazeyo imyaka myinshi ariko batigeze bahinduka na gatoyi, mbere bakabayo badahinduka batagira nico bahindura. Abantu nk’abo uca usanga bagaya vyinshi gusumba ivyo bashima kuko kenshi na kenshi ivyo wiyumvira nivyo ubona ikindi rero umuntu asa nivyo yiyumvira.

Akandi karorero umuntu ashobora kuba mu gihugu coco ntikimubamwo ,muri make ushobora kuba mu gihugu utagikunda mbere ukabamwo ata kamaro ugifitiye, kuko igihe cose ivyiyumviro vyawe biba hanze y’igihugu wavukiyemwo ivyo bigatuma utamenya umunezero ukirimwo.

Umuntu nk’uwo aba m’ubuzima bwo kunegura no kugaya ,ugasanga ashima ivyo ahandi gusumba ivyo iwabo akiyibagiza ko ashobora guterera mw’ihinduka ry’igihugu ciwe c’amavukiro.

Ivyo ubisangana cane cane abanyafrika usanga bitaho kuja i Buraya n’ahandi kure ya Afrika. Bene abo bantu baboneka nk’abanyantege nke kuko bakunda kuja muvyo abandi biyubakiye nk’aho batorondera ivyabo.

Kenshi rero hari igihe umuntu aja kurondera amahirwe ahandi ariko agasanga yayasize aho avuye bikaba nko kwizungurukiraa ukagaruka mu nzira wari warataye.

Twese rero ni muze dukunde ibihugu vyacu naho woja ahandi ntukifurize igihugu cawe inabi kuko n’aho wogira umunezero utari mu gihugu cawe, umunezero wa mbere uri mu gihugu c’amavuko ,kuko amazi arashuha ariko ntiyibagira ibumbeho.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.