Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icegeranyo ca Banki y’isi yose kw’iterambere ry’isi yose biciye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Icegeranyo ca Banki y’isi yose kw’iterambere ry’isi yose biciye mu (...)

Icegeranyo ca Banki y’isi yose kw’iterambere ry’isi yose biciye mu kazi

mercredi 22 Rusama 2013

Ibanki y’isi yose yarashikirije ku muhingamo wo kuyi uyu wa kabiri icegeranyo kw’iterambere kw’isi biciye mu buzi. Ico cegeranyo cashikirijwe ku cicaro i Washington, biciye ku buhinga ngurukana bumenyi (vidéoconférence), mu mwanya umwe mu bihugu bitatu arivyo Uburundi, Ouganda na Tanzaniya.

Muri ico cegeranyo, biragaragara ko akazi ari ishimikiro ry’amajambere, naho ingorane ari nyinshi bivanye n’ibihugu n’uturere.

Irwirirana ry’abantu n’urwaruka rutagira akazi nizo ntambamyi kw’iterambere mu bihugu vyo muri Afrika.

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ivyo bibazo vy’akazi muri rusangi, ico cegeranyo ca banki y’isi yose gitanga inzira zine arizo guteza imbere igisata c’indero mu gutanga ubumenyi bw’akarorero, guteza imbere igisata c’uburimyi, gutanguza amahinguriro akoresha abakozi benshi, guhamagarira abakenyezi gukura amaboko mu mpuzu bakiga gukora ivyabo hamwe no kubakaburira ubumenyi.

Ico cegeranyo ca banki y’isi yose kirangiza kimenyesha ko ubuzi bugera ku miliyoni amajana atandatu aribwo buzoshirwa mu mwaka cumi n’itanu iri imbere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.