Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icegerera c’umukuru w’igihugu ca Kenya yasavye kwambikwa izera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Icegerera c’umukuru w’igihugu ca Kenya yasavye kwambikwa izera

Icegerera c’umukuru w’igihugu ca Kenya yasavye kwambikwa izera

mercredi 11 Nyakanga 2013

Urubanza rwa William Ruto, icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya rwaruguruye i La Haye imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha.
Ku ntebe y’abagirizwa, yari yicaranye na Joshua Arap Sang, umumenyeshamakuru w’iradiyo yo mu gihugu ca Kenya. Bose bakaba bagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa vyabaye mu gihugu ca Kenya umwaka w’2007. Abashingamateka bo mu gihugu ca Kenya bakaba basidukanye niyonka i La Haye kumushigikira.

William Ruto yarengutse mu kibanza c’aho bacira imanza yambaye ikoti ishaka kwirabura, ikaruvati ifise amabara atukura hamwe n’ishati yera. Vyaratangaje abatari bake ku kungene yarengutse imbere y’ubutungane i La Haye kandi ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya.
Inyuma yaho haherejwe gusomwa ivyagirizi ku vyakozwe mu gihugu ca Kenya, abo bagirizwa uko ari babiri, Ruto na Joshua Arap bose basavye ko « bokwezwa ».

Uko ari babiri bahakanye ivyo bagirizwa, bamenyesha ko bitagira ifatiro. Bagirizwa ubwicanyi bw’agahobera bunwa : Ruto William, icegera c’uwakoze ubwo bubisha bafadikanije, Joshua nawe, kuba yarahamagariye abantu mu migumuko abicishije kw’insamirizi Kess FM.

Umushingwamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha akaba yabukije ibibi vyose vyakozwe muri uwo mwaka w’2007 : nk’abantu baturiwe babona, abicishijwe imipanga,...
Ubwo bwicanyi bwose bwabaye hagati y’ukwezi kwa Kigarama umwaka w’2007 n’ukwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2008, inyuma y’amatora atemewe, aca asubirwamwo igihe hatorwa Mwai Kibaki nk’umukuru w’igihugu ca Kenya.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.