Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Icompa umugore nk’urya sinorenga ibigo" kubera iki abagabo babirenga? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > "Icompa umugore nk’urya sinorenga ibigo" kubera iki abagabo babirenga?

"Icompa umugore nk’urya sinorenga ibigo" kubera iki abagabo babirenga?

vendredi 21 Ruheshi 2013

Muri iki gihe ca none abubakanye baragirizwa kurenga ibigo, ivyo bikaba vyibonekeza mu ngo nyinshi. Mu ntumbero yo gushaka kumenya uko abantu bumva iki kibazo muri ino misi,twashatse guhera ku ruhande rumwe arirwo rw’abagabo barenga ibigo hanyuma naho tuzobabwira ku ruhande rw’abagore nabo. Twashatse kumenya igituma abagabo bo muri iki gihe barenga cane ibigo,turaheza tuyaga na bamwe bamwe.

Benshi muribo bemeje ibituma bibiri biza imbere y’ibindi.bavuze ko umugabo arenga ibigo aba asanzwe afise iyo ngeso hama kandi ngo hari aho biva ku bagabo ubwabo.Tubajije ico umugore yokora kugira umugabo nta muvange,babitwishuye mu mirwi cumi:

Ubwenge : Umugabo wese yemera umugore azi guha agaciro umugabo kandi akongera akiyumvira ibntu vyinshi vyubaka.

Umunezero : Umugore yama anezerewe naho yoba afise ibibazo, akaguma akeye mu maso kandi akamenya kumwenyura yishimirwa n’umugabo wiwe.

Ikiganiro : N’ubwo bidakorwa n’abagore benshi ariko umugore niwe abwirizwa kuza ubwa mbere akaganiriza umugabo ku bintu bitandukanye, cane cane ivyerekeye urugo inyuma y’udukuru dutwenza baba bavuyemwo.

Ukwakira : Kwakira umugabo neza igihe atashe, ukamenya ko akenera kwoga, kugaburirwa n’ibindi bijanye no kumwakira.

Ubwiza : kwama ukeye , wambaye neza ni ukuvuga impuzu zimeshe aho uba uri hose.

Igikoni : Naho abagabo badakunda ivyokurya ariko kandi nta mugabo yishimira kwama atekerwa ivyo atarya canke adakunda. Gutekerwa nabi mu rugo ni kimwe mu bituma abagabo baja kurira mu buriro no mu bubare. Umugore akwiye gutekera umugabo igihe yiriwe muhira kuko biri mu bishimisha umugabo, Nta mugabo ashimishwa no kurya ivyatetswe n’umukozi igihe umugore wiwe birirwanye muhira.

Ukwiyumanganya : umugore ntagomba kwereka umugabo ko ababaye mu gihe bitavuye ku mugabo.

Urugo : Umugore abwirizwa kwitaho umuryango wiwe. Nta mugabo n’umwe yishimira gukora wenyene mu rugo ngo abe ariwe batega amaboko harimwo n’umugore wiwe kandi nawe afise ubushobozi bwo gukora agafasha umugabo. Kuvuga urugo harimwo n’amabanga y’abubatse, nta mugabo akunda kuvunika wenyene muri ico gikorwa.

Imico : Umugore abwirizwa kuba afise imico myiza, ni ukuvuga agerageza kwitwararika imico y’umugabo kugira ashobore kumutahura kandi akerekana indero mu rugo bose bakabona ko yarezwe uhereye ku mugabo wiwe, abana biwe, umukozi.

Icubahiro : Umugore ategerezwa kwiyubaha , kubaha umugabo akamuha icubahiro mu bandi n’aho ari hose. Ibanga burya ngo ni kimwe muvyo abagabo bakunda. Nta mugabo anezerezwa no kumva hanze amabanga y’urugo kubera umugore aba yagiye kubivuga. Umugore azi kwigumya mu bibazo vy’urugo ashimwa cane n’umugabo wiwe.

Naho abagabo bavuga ibi ariko buri mugore ashobora kuba azi ivyo akorera umugabo wiwe mu rugo canke uko yitwara ku mugabo wiwe bakarwubaka rugakomera.

Hanyuma naho tuzobashikiriza bimwe mu bituma abagore barenga ibigo bakavanga abagabo babo.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.