Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icupa ritekeye ubutumwa ryatowe mu mazi inyuma y’imyaka 98 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Icupa ritekeye ubutumwa ryatowe mu mazi inyuma y’imyaka 98

Icupa ritekeye ubutumwa ryatowe mu mazi inyuma y’imyaka 98

mardi 25 Ruheshi 2013

Umunyamerika umwe yatoye icupa mu mazi ririmwo ubutumwa bwa kera cane bwari mu kumara ikinjana mu mazi y’uruzi Michigan ni muri Leta zunze ubumwe za Amerika n’kuko bimenyeshwa n’ikinyamakuru ABC news.

Ubwo butumwa rero bwari bubitse neza cane bwandikishijwe n’ikaramu y’igiti yo kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 1915, akaba yabusanze ku metero cumi uja mu kuzimu mu mazi y’uruzi Sainte-Claire. ubwo butumwa n’inyandiko z’abantu babiri Selina Pramstaller naTillie Esper bose bari bafise imyaka mirongo ibiri muri ico gihe.
"Having a good time at Tashmoo" (bariko bararyoherwa i Tashmoon), abo uko ari babiri bakomoka i Detroit.

Mu gihe bari mw’ishamba cimeza i Tashmoo, ishamba cimeza rizwi cane muri ako karere gsanzwe gafise izina ryakomotse ku bwato bumwe bwo mukinjana ca 19, ubwato bwanyaruka cane mu karere k’ibiyaga binini. Ubwo butumwa bwaba bwanditse ku rupapuro rwatangwa n’ishirahamwe ryitwa white line star ryunguruza ingenzi mu bwato bubajana mw’ishamba cimeza ry’i Tashmoo, iri mw’izinga ryo mu Buraruko bw’ikiyaga Sainte-Claire. Umunyagihugu umwe waho Michigan yashoboye kwibuka izina ry’umwe muri abo banditse ubwo butumwa. uwo nawe ngo yitavye Imana mu mwaka w’1984.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.