Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ifirimbi ya nyuma niyo ica urubanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ifirimbi ya nyuma niyo ica urubanza

Ifirimbi ya nyuma niyo ica urubanza

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Mu gihe abafana benshi b’umugwi APR FC yo mu Rwanda bari bizigiye intsinzi mu rukino rwabahuza kuwa gatandatu, igenekerezo rya 16 Ruhuhuma na vital’o FC yo mu Burundi, vyarangiye bumiwe no gutsindirwa iwabo bibiri kuri kimwe.

JPEG - 49.6 ko

Umurwi Vital’o ugishika i Kigali, umumenyereza wawo Kanyenkore Gilbert batazira Yaoundé yari yabwiye ibimenyeshamakuru vy’aho mu Rwanda, ko ataje gukora ibitangaza, mugabo ko bazokina umupira gusa.

JPEG - 44.7 ko

Yivugiye ahubwo ko ifirimbi ya nyuma ariyo nyene yari buce urubanza. Ivyo vyatumye atawumenya umukenyuro wiwe. Ku mipira migufi migufi abakinyi ba Vital’o bahanahana, urukino rwagiye kurangira batsinze APR bibiri kuri kimwe. Ivyo vyarababaje abanyarwnda batari bamenyereye gutsindirwa kuri Stade Amahoro n’umurwi wo hanze.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.