Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igenwa rya Robert Mugabe rizosubiza inyuma ishirahamwe ry’ubumwe bw’ (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igenwa rya Robert Mugabe rizosubiza inyuma ishirahamwe ry’ubumwe bw’ (...)

Igenwa rya Robert Mugabe rizosubiza inyuma ishirahamwe ry’ubumwe bw’ Afrika

mardi 3 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abatari bake barafise impungenge kw’igenwa rya Robert Mugabe ku burongozi bw’ishirahamwe ry’ Ubumwe bw’ Afrika kuko asanzwe adafitaniye imigenderanire myiza n’amakungu.

Rick Roth umuyobozi ajejwe gutanga amakuru ku bw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’igihugu ca Canada n’ayandi makungu yagize ati: Ni ukuri bidaca intege kubona Robert Mugabe ariwe yatowe kugira arongore ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ Afrika . Ati igihugu ca Canada kirafise ku mutima Afrika, ariko igenwa rya Robert Mugabe ku buyobozi bw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ Afrika rije risa niryonona n’ibikorwa vyiza vyose vyari vyarakozwe n’iryo shirahamwe mu myaka iheze. Turibaza ko abanyafrika nabo badashigikiye igenwa ry’uwo mugabo atwaza umukazo n’agahotoro.

Eka n’abasanzwe baserukira ibihugu vyabo bavuga ko iryo genwa ribabaje cane , kuko akanwa ka Robert Mugabe gacira imiriro, nko mu kutubahiriza agateka k’abahuza ibitsina babisangiye aho rimwe na rimwe abagereranya n’ingurube n’imbwa, ikindi n’uko Robert Mugabe ibihugu bimwe bimwe vyanamufatiye n’ibihano, n’ubwo ishirahamwe ry’abanyaburaya ryahagaritse ibihano ryari ryafatiye igihugu ciwe yarabikuyeko, ariko ibigumiza ku mukuru w’igihugu Robert Mugabe.

Mu bihano bimwe bimwe bihari akaba ata burenganzira afise bwo kugendera ibihugu bimwe bimwe, ivyo rero bishobora kuba intambamyi mu guserukira iryo shirahamwe ry’Ubumwe bw’ Afrika nko muri ya nama ya G8 na 20.


Floxella Karire

Messages

  • ivyo vyokudashigikira abahuza ibitsina kand babisangiy ndamushigikiy kuko na bible ntibishigikiy komera mugabe

  • Abazungu barasazi ivyo nivyo bamuhora sha turamushigikiye ahubwo nuko ils ont echoues de lui corrompre.Baragombe bareke kudufasha ko mbona africa iguma ikenye niryo shirahamwe ko bariciye umutwe uwarikuzorifasha vyukuri ubu mugihugu ciwe bakaba bahateje intambara zurudaca rirya niryo terambere batwipfuriza baravumwe nibagende.

  • Abazungu barasazi ivyo nivyo bamuhora sha turamushigikiye ahubwo nuko ils ont echoues de lui corrompre.Baragombe bareke kudufasha ko mbona africa iguma ikenye niryo shirahamwe ko bariciye umutwe uwarikuzorifasha vyukuri ubu mugihugu ciwe bakaba bahateje intambara zurudaca rirya niryo terambere batwipfuriza baravumwe nibagende.

  • No guys,kubahokw’umuswi s’impuhwe z’agaca!!Abirabure twibwira ko abazungu badukunda kuva kera,ariko siko biri kuko abera bakunda inyungu nyishi kandi zizimbutse bakura muri Africa!!Igihugu ndimwo abantu amategeko yaho aremera abahuz’ibitsina ariko aben’agasi baho ntibabishaka gusa bapfuye kwemera kugirango bibahe agakanywa kavuye kumuzungu(USA).Africa ikwiye kwigenga mumico n’akaranga kacu!!Free Africans#Free Mugabe#Free African Cultures

  • Nubwo ibihugu vy’Africa vyahora bikoroneje nibihugu vyabazungu vyikumiye imvugo zabazungu babicishije kubukene bwibihugu vy’Africa zirerekanako bativeze bareka kudumoroniza, abanyarwanda nibobivuvirango amafuti yumugabo nibwoburyobwe, twebwe nkabany’Africa kubatwakisemwo Mugabe wazimbabwe barikutureka kukombonanabo barapinze Imana yavuzeko umugabo azobana numugore baka ihindurabakavugango abagabo kubagabo abagorekubagode batorane, nonotwebwe Africa kotutabishima kotutabibahora? Nakagaye badufitiye kandisinobarenganya nitwebwetuvyitera nubuwosanga hariho uduperezida tw’Africa twamaze kwitura abobazungu tubabwirango igenwa rya perezida wa Zimbabwe ngosinarishigikiye ngonubu sindaryemera!!!.

  • L’inoxydable Mugabe.ikibazo ahubwo afrika dufis kimw conyen n’abo bazungu.muga ikibabaje nuko mugabe ahavuy abasigay n’imbundege z abagabo ntawuzoba asigay ngo avuge.

  • Mugabe nagabe!Numutama w’inararibonye,akwiye guhanura abarongozi cane cane bo Muri Africa,Abafise inyungu k’umuzungu nibarire ariko bibuke ko Mugabe abazungu arabazi gusumba kuko yabanye nabo imyaka myinshi.Africa turakwiye kwigenga tuvane nivyiyumviro vyubujora.Mugabe abamutoye si ibijuju jewe ndibaza ko bazi ubuhizi bwiwe.None mbaze,Africa dufise ibiti,amabuye,amabuye yagaciro,inzuzi,umuyaga mwiza nibindi ntashoboye kuvuga,Tutibagiye amashure ya buri mwaka twiga,none tubuzwa niki iterambere?Umuhinga yishure.

  • @Nuwera Kuva ubaho, niho ukivuga ijambo nshigikiye. Iyo uba waraba impande zose, ivyiyumviro vyawe vyogira akamaro. Abany’Afrika dushigikiye Mugabe. Yatowe n’abanyafrika kuko hari ico bamubonamwo. Abo nabo batabibona uko n’abansi ba Africa. Igituma abazungu banka Mugabe, nuko atabarekurira ngo bibe igihugu ciwe nkuko babigenza mubindi bihugu. Hanyuma kuba rero yatowe ngo abe umu chairman wa AU bisobanura ko bigiye kubagora cane ahubwo kubandanya ubusuma hamwe n’itoteza bama bakorera abantu b’abanya Afrika. LONG LIVE MUGABE !!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.