Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihangange Hiroshi Yamauchi yarashengeye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Igihangange Hiroshi Yamauchi yarashengeye

Igihangange Hiroshi Yamauchi yarashengeye

vendredi 20 Nyakanga 2013

Igihangange mu vyo gukora inkino bakina mu buryo bw’amasanamu, Hiroshi Yamauchi, yitavy’Imana kuri uyu wa gatatu urangiye. Hiroshi Yamauchi akaba agereranywa na Steve Jobs, yakoze ibitangaza mu vyerekeye amaterefone n’imashiniz’inyabwonko (ordinateur).

Izina “Hiroshi Yamauchi” kuri benshi ntaco ribabwira ariko yari igihangange mu vy’inkino bakina hakoreshejwe amasanamu. Hiroshi Yamauchi bagereranya na Steve Jobs yaritavy’Imana kuri uyu wagatatu ahitanywe n’indwaray’amahaha. Uyo muhisi yabaye umuyobozi mukuru w’ihinguriro Nitendo. Iryo hinguriro yarirongoye kuva 1949 gushika 2002. Muri icogihe iryo hinguriro ryari agahinguriro gato ku muryango wiwe gusa, gakora amakarata yogukina. Bukebuke araheva atuma ihinguriro Nitendo riba kizigenza kw’isi yose, mu gukora inkino zogukina mu buryo bw’amasanamu (jeu video).

“Kurya kwa Steve Jobs atar iigihangange mu buhinga ariko yari umuntu abonakure”, iyo niyo ngereranyo Florent Gorges aha umuhisi Hiroshi Yamauchi mu gitabo yanditse kuri kahise k’ishirahamwe Nitendo. Mu 1949, Hiroshi Yamauchi afise imyaka 21 yahawe ihinguriro Nitendo nk’igisigi c’umuryango. abajijwe ku bijanye n’iterambere ridasanzwe ry’ishirahamwe Nitendo yama agira ati: “Nagize umugisha”.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.