Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihimba c’irondoka c’umugore cakozwe n’abaganga caratanguye gutangwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Igihimba c’irondoka c’umugore cakozwe n’abaganga caratanguye gutangwa

Igihimba c’irondoka c’umugore cakozwe n’abaganga caratanguye gutangwa

dimanche 13 Ndamukiza 2014

Bitumwe n’uko hari abana b’abakobwa bavuka ata gitsina gore bafise canke bakakivukana ariko kidakomeye, abahinga bo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika baherutse gukora igitsina gore. Ico gitsina kiramaze guterwa abana batari bake bavutse ata gitsina gore bafise, kandi barashobora no kuvyara.

Hari indwara yitwa "Aplasie Vaginale" ituma igihimba c’irondoka c’umwana kidakura canke kidakora. Birashobora no gushika umwana w’umukobwa akavuka igihimba ciwe c’irondoka kidakomeye. Ivyo rero abaganga bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika baragerageje gutorera umuti iyo ndwara.
Haherutse rero gukorwa igitsina gore gishobora gusubirira abo barwaye iyo ndwara canke bavutse igihimba c’irondoka cabo kidakomeye. Ubwo buhinga bwatorewe mu kigo c’abaganga "Centre Medical" kiri mu ntara ya Cariforniya yo mu buraruko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abo baganga bamaze gupima neza bagasanga ico gihimba c’irondoka c’umugore gikora baciye bagitera abana b’abakobwa bafise hagati y’imyaka 13 na 18. Abakobwa 4 bari bavutse badafise igihimba c’irondoka kubera iyo ndwara barahawe ico gihimba cakozwe n’abo bahinga.
Abo 4 baronkejwe ico gitsina ubu barashobora kurangura amabanga yabubatse ata ngorane no kuvyara bakavyara, kuko kirafatanye n’igitereko.

Nk’uko ayo makuru yose yatanzwe n’ikinyamakuru c’ubuhinga "The Lancet" abivuga, ivyo vyashobotse kubera uduce tumwe tumwe, kandi duto duto abo baganga b’abahinga bakura kuri buri mukobwa wese bashaka gutera ico gitsina.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Barakwiye kugerageza kugitera kubahungu naho gurtyo nihagir’Abagore basubira gutotezwa ngo bavyay’abahungu gusa ubonako n’Isi yaze canke nic’Abahungu bagitera kubakobwa gurtyo imyidoga y’Abagabo izogabanuka hama kandi bagikorere n’Imbura kimazi zimwe zimwe z’Abagabo baryamana n’Abandi bagabo cank’imihimbiri y’Abagabo ubusambanyi babaugiz’umwuga atakindi wungura m’Umuryango atar’ukugwiz’ubukene no gusambur’ingo.Emwe ibitari buze gusa kimwe nohanura abo (BASAMANYI)n’Abandi booooose bakor’ivyaha bitandukanye bomenya kw’atacaha kiba gito vyooooose imbere y’IMANA birangana bibuke kw’arivyo vyakwegeye SODOMO na GOMORA dusoma muri Bible ingero y’icaha n’urupfu none ko babigwije kibuze kw’imihimbiri igum’ifat’Abana n’Abagore bacu kunguvu?!!!!!,ndabahenuye bihane ahandiho bamenye booooose ko bicaye hejuru y’umuriro koko YESEouYEZU Ataraza urupfu ruzoza giturumbuka rubirenze kandi nw’inyuma y’uryupfu nt’agakiza,harahiriw’uwihangana kuzoshika kwiherezo,kuko twebwe twarutse batubwira ng’Umuhungu araye mubwato buca yabay’Umukobga!ng’Umukobwa nawe ngw’araye mw’isekuro buca yabay’Umuhungu nizere ko bitabayeho bgar’ububashi canke nimba vyaranabaye harikera Ivyaha bitariyongera nk’uko mbibona:Uwuri n’amatwi yo kwumva niyumve!!!!!ok thanks enjoy your nice week end.

  • Ndumva technologie iri kuntambwe, me nibarabe bakore utwabahungu bari impuisant ,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.