Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu c’Ubufaransa kiragandariye umuhisi Hervé Goudrel - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igihugu c’Ubufaransa kiragandariye umuhisi Hervé Goudrel

Igihugu c’Ubufaransa kiragandariye umuhisi Hervé Goudrel

vendredi 26 Nyakanga 2014

Amabendera agera hagati n’amakoraniro mu bisagara bitandukanye bikaba vyari biteguwe kuri uwu wa gatanu mu gihugu c’Ubufaransa mu kwibuka n’iteka Hervé Gourdel. Umuryango w’uwo muhisi ukaba wahamagariye abantu kumwibukana iteka no kwigumya.

Hervé Gourdel, umufaransa yari yagizwe imbohe n’umurwi w’iterabwoba wemeza ko uri mw’ishirahamwe riharanira Reta y’igisilamu (organisation de l’Etat islamique) mu gihugu ca Algeria, yishwe bunyamaswa kuri uwu wa gatatu, akaba bamwibukanye iteka mu bisagara vyinshi vy’ico gihugu c’Ubufaransa.

Kuri uwu wa kane, harabereye ikoraniro ritateguwe mu gisagara ca Saint-Martin-Vésubie, aho uwo muhisi yavukiye. Akamo ko gukorana mu kwibuka n’iteka uyo muhisi kakaba karatewe mu bisagara bitandukanye nka Nantes, Lyon, Montpellier, Aix-en-Provence na Paris. Kuva uwu wa gatanu gushika ku munsi w’Imana, amabendera y’igihugu c’Ubufaransa akazoduzwa kugera hagati mu kwerekana ko bagandariye Hervé Gourdel kandi abantu benshi bakaba baje kwifatikanya n’umuryango wabuze.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.