Accueil > Amakuru > Muri Afrika > igihugu ca Somaliya yasubiye kurungika amafi mu gihugu ca Kenya
igihugu ca Somaliya yasubiye kurungika amafi mu gihugu ca Kenya
samedi 23 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, igihugu ca Somaliya catanguye ico gikorwa kubera ubugizi bwa nabi bwo kunyuruza bwakorwa mu mazi y’inyanja bwagabanutse.
BBC dukesha iyi nkuru, imenyesha ko Intambara ishingiye ku gusubiranamwo kw’ababa mu gihugu ca Somaliya yatumye urudandazwa rw’ibintu vyinshi rutabandanya gutera imbere.
Ariko abacuruzi b’amafi bo ku cambu ca Kismayo bavuga ko ubu bashobora kurungika amafi kubera ko bashobora kuyabika neza mu cuma gituma aguma akomeye.
MUGISHA Van Naris