Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca Kenya gishaka kuba icibare c’ubuhinga bwa none mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igihugu ca Kenya gishaka kuba icibare c’ubuhinga bwa none mu (...)

Igihugu ca Kenya gishaka kuba icibare c’ubuhinga bwa none mu gutumanatumanako amakuru

mercredi 23 Nzero 2013

Kenya yatanguje ibikorwa vyo kubaka ico yizera ko kizoba ikibanza ca mbere gikuru muri Afrika kiberamwo ikoranabuhanga rya za ordinateur nka Silicon Valley yo muri Amerika.

Umukuru w’igihugu Mwai Kibaki yahagarikiye ibikorwa vyo gutanguza uwo mugambi w’akataraboneka i Konza, akarere kari mu bumanuko bwa Nairobi, aho ico cibare gishasha c’ikorana buhanga kigiye kubakwa mu myaka 20 iri imbere.

Uwo mugambi uzotwara amahera ashika ku miriyaridi cumi na zine n’igice z’ama dollar, uzoba urimwo ibibanza biberamwo urudandaza, za kaminuza zikora ubushakashatsi hamwe n’ikoranabuhanga.

Hazoba kandi amazu yo guturamwo, amashure hamwe n’amavuriro.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.