Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika cagabishije Uburusiya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika cagabishije Uburusiya

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika cagabishije Uburusiya

vendredi 14 Ntwarante 2014

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, cagabishije Uburusiya ko buzohura n’inkurikizi zikomeye hamwe ico gihugu coshigikira ibizova mu matora kamarampaka ( Référendum) yo ku w’Imana muri Crimea.

Umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, yavuze ko hazofatwa ingingo zikomeye, Uburusiya nibwigarurira Crimea inyuma y’ayo matora. John Kerry ari i Londre mu gihugu c’Ubwongereza kuva kuri uyu wa kane, kugiranira ibiganiro na mugenzi wiwe w’Uburusiya, Sergei Lavrov.

Mw’ijambo ririmwo igishika kidasanzwe, umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Angela Merkel, yagabishije ko hazogwa ibara, hamwe Uburusiya butoheba imigambi yo gushigikira ibizova muri ayo matora yo kuri uyu w’Imana i Crimea, na hamwe ico gihugu cofgomba kwigarurira Crimea.

Tukabamenyesha ko ikibazo c’i gihugu ca Ukraine gihagaritse imitima ibihugu vya Buraya na Amerika. Muri iyi ndwi gusa, Reta zunzubumwe z’Amerika zikaba zimaze kubonana canke kuvugana kw’iterefone n’abayobozi b’Uburusiya incuro zine zose. Aho hose, ico gihugu kigasaba Uburusiya kuva mu gihugu ca Ukraine n’ukutifatanya mu matora buca aba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Ntwarante, mu matora kamarampaka (Référendum).

Imbere y’umurwi wo mu nama nkenguzamateka uriko wiga ico kibazo, John Kerry yababwiye ko igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika n’ibihugu vya Buraya, biteguriye gufatira ibihano bikomeye Uburusiya kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ntwarante, hamwe ico gihugu kitoreka ingendo kiriko kirerekana muri Ukraine. John Kerry akaba yibukije igihugu c’Uburusiya kwibuka imigenderanire n’ugufashanya biri hagati y’Amerika n’Uburaya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.