Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca Sudani y’amajepfo gishobora kurwa mu manga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igihugu ca Sudani y’amajepfo gishobora kurwa mu manga

Igihugu ca Sudani y’amajepfo gishobora kurwa mu manga

jeudi 1er Rusama 2014

Abarongoye ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagabishije abayoboye impande zibiri zigwana mu gihugu ca Sudani y’amajepfo, ko aribo bazokwagirwa ubwicanyi buriko burakorwa hamwe n’inzara igisibije muri Sudani y’amajepfo.

Ubu ibintu vyunyutse muri ico gihugu, ubwicanyi bwabaye ndanse, ariko rero yaba amakungu canke abasanzwe bayoboye igihugu ca Sudani y’amajepfo basa n’abatariko babona uburemere bw’ibintu biriko biraba muri kino gihe, nk’uko vyavuzwe n’umukomiseri mukuru wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu, Navi Pillay.
Guhera hagati y’ukwezi kwa Kigarama, ugutana mu mitwe hagati y’igisirikare kiyoboka umukuru w’igihugu Salva Kiir n’ingabo ziyoboka uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar, vyatumye haba ubwicanyi butagira izina, abanyagihugu bapfa ubwoko.

Ubwicanyi buheruka kuba ahitwa i Bentiu mu buraruko bushira ubuseruko, hamwe n’i Bor burerekana ko hamwe ata gikozwe, ico gihugu gishobora kurwa mu manga, hakaba ihonyabwoko, nk’uko bivugwa na Pillay mu rugendo rw’iminsi ibiri yagize muri ico gihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.