Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu catwaye igikombe c’isi 2010 caraye gisezeye amahiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Igihugu catwaye igikombe c’isi 2010 caraye gisezeye amahiganwa

Igihugu catwaye igikombe c’isi 2010 caraye gisezeye amahiganwa

jeudi 19 Ruheshi 2014

Muri za nkino ziriko zibera muri Bresil, hari ibihugu bimaze kuboneka ko bitazobandanya amahiganwa. Ivyo n’ibihugu bimaze gutsindwa mu nkino 2 bimaze gukina. Igice c’ikurakuranamwo giha uburenganzira igihugu cose gukina inkino 3.

JPEG - 114.2 ko
Robben agiye kwinjiza igitsindo ciwe ca 3

Mu murwi B urimwo ibihugu nka Espagne, Australie, Pays bas na Chili, bibiri muri vyo vyamaze gutaha kuko ntibiratsinda narimwe mu nkino 2 bimaze gukina. Na vyo ni Espagne, iyo yatsinzwe ubwa mbere na Pays bas, ku ncuro ya kabiri yaraye itsinzwe na Chili. Ikindi gihugu casezeye, ni Australie nayo yatsinzwe ubwa mbere na Chili, ubu naho yaraye itsinzwe na Pays bas.

Mu murwi A urimwo ibihugu Bresil, Cameroun, Croatie na Mexique, hamaze kuvamwo Cameroun yonyene, mu nkino 2 imaze gukina nta rukino na rumwe yigeze itsinda. Ubwa mbere yatsinzwe na Mexique, ubu naho yaraye ikuwemwo na Croatie. Ivyo bihugu vyose biriko birava mu mahiganwa birasigaje urukino rumwe naho ataco ruzobimarira.

Ku rutonde rw’uno munsi, hakina Colombie na Cote d’Ivoire igihe c’isaha cumi na zibiri(18h00). Mu nkino za mbere ivyo bihugu vyose vyaratsinze. Urukino rwa kabiri ruza kuba isaha zitatu z’ijoro ruhuza igihugu ca Uruguay na Angleterre, ivyo vyose vyari vyatsinzwe mu nkino za mbere. Igitsindwa uno munsi gisezera amahiganwa. Urukino rwa nyuma ruhuza Japon na Grece, eka na vyo nyene vyaratsinzwe mu rukino rwa mbere.

Muri ayo mahiganwa nyene, hari abakinyi bafise ibitsindo vyinshi ni 3, na bo ni Arjen Robben na Van Persie bose bakinira igihugu ca Pays bas.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.