Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igikombe c’isi yose 2014, Khelifa ku rutonde rw’umurwi nserukiragihugu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Igikombe c’isi yose 2014, Khelifa ku rutonde rw’umurwi nserukiragihugu wa (...)

Igikombe c’isi yose 2014, Khelifa ku rutonde rw’umurwi nserukiragihugu wa Tunisie

mercredi 22 Rusama 2013

Nabil Maaloul, asanzwe amenyereza umurwi nserukiragihugu wa Tiniziya yahisemwo umukinyi Saber Khlifa, amushira ku rutonde rw’abakinyi cumi n’umwe bazotangura mu kibuga rwashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Rusama.

Umukinyi wo mu cicaro ca mbere, avyifatamwo neza muri iyi misi mu kwinjiza ibitsindo vyinshi ari kumwe na Evian-Thonon (ageze ku bitsindo 13).

Kuri urwo rutonde hagiye kwongerwako mu misi iri imbere abakinyi b’abasubirizi.
Tuniziya rero igiye kuzohura n’igihugu ca Sierra Leone n’igihugu mu mahiganwa yo gukuranamwo kugira haboneke abazoja mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose kizobera mu gihugu ca Brésil mu mwaka w’2014.

Abo bakinyi cumi n’umwe bizewe n’umumenyereza Nabil Maaloul hamwe n’imirwi bakinamwo ni : Sofian Chahed (Hanovre 96, Allemagne), Karim Haggui (Hanovre 96, Allemagne), Aymen Abdennour (Toulouse, France), Yassin Mikari (Sochaux, France), Chadi Hammami (Koweït SC, Koweït), Wahbi Khazri (Bastia, France), Youssef Msakni (Lekhwiya, Qatar), Saber Khelifa (Evian TG, France), Oussama Darragi (FC Sion, Suisse), Issam Jemaa (Koweït SC, Koweït), Amine Chermiti (FC Zurich, Suisse).


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.