Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igikombe ca EALASCA catahukanywe n’Urwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Igikombe ca EALASCA catahukanywe n’Urwanda

Igikombe ca EALASCA catahukanywe n’Urwanda

samedi 21 Kigarama 2013

Inkino zahuza imirwi y’inkino n’akaranga vyo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko zarangiye, zasozerewe ku kibuga c’umupira w’amaboko c’ubushikiranganji bw‘urwaruka inkino n’imico kama. Imidari itandukanye yatanzwe.

Inkino zari zimaze iminsi ine zibera ku bibuga bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura vyasozerewe. Kuri uyu wa gatandatu w’igenekerezo rya 21 Kigarama 2013, uwurongoye inkino n’akaranga mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko yafashe ijambo ryo kurangiza ibirori. Mw’ijambo ryogusozera ivyo bikorwa, uwurongoye iryo shirahamwe yibukije ko izo nkino zidafise hanini intumbero yo guhiganwa, ahubwo n’ishirwa mu ngiro rya rimwe mu ntumbero bihaye gushikako: kwunga ubucuti, ubumwe mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko. Yashimye ukuntu vyateguwe, ishirwa mu ngiro rya vyo n’ingeze vyabaye mu mutekano ntangere, eka yashimiye n’imirwi yashoboye kuvyifatamwo neza naho ku bwiwe atawatsinze canke atsindwe.

Hakwiriye ijambo ry’uwurongoye igisagara ca Bujumbura. Na wenyene yakengurukiye abitavye izo nkino, arashima inyifato nziza yabitavye. Amajambo yasozerewe n’ijambo ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu na wenyena kwari gushima, yongera asaba imbabazi ku vyoba vyagenze nabi . Tubibutseko ari nawe yari yatowe kurongora ivyo birori. Abagiye bafata amajambo bashimikiye ku kamaro k’ibikorwa nk’ivyo. Kuko ari akaryo keza ko guhanahana ubumenyi, kwunga ubucuti, kuko inkino ari ihuriro ryiza. Bongera kandi basaba igihugu ca Tanzaniya kuzokwitaba amahiganwa nkayo azobera mu gihugu c’Ubuganda, kuko nticitavye ayo mahiganwa.
Hagati aho, intore zo mu Kirundo, zambaye inshato z’ingwe, amacumu mu kuryo, inkinzo mu kubamfu, zerekanye intambo ndanga ntara atahandi woyisanga mu Burundi eka no mu bindi bihugu vyo mu karere. Abanyarwanda nabonyene ntibatanzwe, abahungu bafise inyimosho bisangije, n’abakobwa batengatiye ivyakunze n’ibisabo babiciye biracika. Abatimbo bava mu Buterere n’umurisho wabo ntibavyoroshe. Kubera intambo y’intore zo mu Kirundo yagomba gushusha n’intambo y’Abanyarwanda, mu gusozera baciye batambana ikivunga.

Mu gusozera izo birori hatanzwe imidari ku mirwi yagiye irarusha iyindi, eka n’ibikombe vyatanzwe. Igihugu c’Urwanda ni co catahukanye agashimwe kuno mwaka mu guhabwa igikombe c’inzahabu. Nk’uko ata nyambo ibura agahonzi, hibonekeje imyidogo ku bakinyi bamwe, bidoga kubera imidari yoba yatanzwe nabi.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.