Accueil > Amakuru > umutekano > Igipolisi cahagurukiye uturwi tw’abasuma muri komine ya Rohero
Igipolisi cahagurukiye uturwi tw’abasuma muri komine ya Rohero
mercredi 16 Gitugutu 2013
Mu gihe abanyagihugu bo muri komine ya Rohero cane cane muri Rohero ya mbere n’iyakabiri, mu mabarabara yijirana ikiraro Mao co kimwe n’ibarabara ryinjira muri quartier Asiatike uvuye ahasanzwe hakorera umuhuza w’abarundi, abanyagihugu bo muri iyo micungararo bidoga bavuga ko hari uturwi tw’abasuma tugisibije mu kwambura abantu iyo bugorovye, mu gipolisi n’abajejwe umutekano bavuga ko utwo turwi badukenyereye.
Muri quartier ya Asiatike uwuyirongoye umupfasoni Médiatrice Ndayisaba, akaba atarya umunwa mu kwemeza ko akarwi k’abasuma muri iyo quartier arongoye akazi. Uyo mupfasoni rero akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko muri iyi minsi abapolisi ari benshi kugira bashobore gutuza akarwi k’abasuma bivurwa ko koba karongowe n’uwo batazira Mukono, ndetse yoba afise amamuko yo mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Umukuru wa quartier Asiatike co kimwe n’uwurongoye igipolisi muri komine Rohero bose bakaba bamenyesha ko ubu hashizweho abapolisi benshi bagiye guhasha uyo murwi co kimwe n’abatimbayi banywera urumogi ku mugaragaro aho muri iyo quartier. Ubu rero kuva hagati mu gisagara ca Bujumbura, ugashika epfo ya kaminuza yitwa Sagesse d’Afrique hakaba hagiye gucungerwa bimwe vy’akarorero, kuko ubu hari ikirindiro c’abapolisi baje guhasha uturwi twose twigize ndase muri iyo quartier co kimwe no muri komine yose ya Rohero.
Aristide Nizigire