IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igipolisi cankiye Rwasa Agathon gushika mu kibanza yari kwakirirwamwo

Igipolisi cankiye Rwasa Agathon gushika mu kibanza yari kwakirirwamwo

mardi 6 Myandagaro 2013

Umuduga urimwo Rwasa Agathon wankiwe gushika mu kibanza c’ahitwa « Kw’iraro » aho Rwasa Agathon yategerezwa kwakirirwa inyuma y’imyaka itatu ari mu buhingiro.

Uretse abapolisi bariko baraboneka ku bwinshi muri ico kibanza no mu micungararo, haraboneka n’abanyagihugu isinzi baje gusanganira uwo munyepolitike yahunze inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010. Ariko rero, bamwe mu bagize urwego nyobozi rwa FNL, ishami rya Rwasa Agathon na Aimé Magera bakaba bamaze kwinjira muri ico kibanza « Kw’Iraro ».

Amakuru ariko ava mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ibirori vyo kwakira Rwasa Agathon hamwe n’ikiganiro yari guha abanditsi n’abamenyeshamkuru bitakibaye.

Impamvu rero n’uko FNL irongowe na Miburo Emmanuel yoba yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bamusaba ko atorekurira umunywanyi asanzwe wa FNL ngo akoranye inama canke ngo abaje kumusanganira bambare umwamboro uranga FNL.

Mu gatondo ka kare, abanywanyi ba FNL bakiyoboka Rwasa Agathon niho batangura gushika mu Kabondo ahari ico kibanza Rwasa yari kwakirirwamwo. Mu gihe c’isaha zitatu n’iminota 45, imodoka izanye Rwasa Agathon ikaba ariho yashika.

Mwomenya ko mu bari baje kwakira Rwasa Agathon harimwo uwuserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi, uwuserukira igihugu c’Ubuholande hamwe n’intumwa zo mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB)


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.