IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi carengewe n’akajagari muri kaminuza y’Uburundi

Igiporisi carengewe n’akajagari muri kaminuza y’Uburundi

samedi 16 Munyonyo 2013

Akajagari muri kaminuza y’Uburundi kasubiye kwaduka. Aho twahashika mu gihe c’isaha zitanu z’agatondo, hari umurwi w’abanyeshure bari bafise amabuye n’amahiri, babujije ko hamanikwa urwandiko ruvuga ko inzego zari zihari zahejeje ikiringo, hakajaho urundi rwego rwonashobora gutegura amatora muri iyo kaminuza bisa n’ivyananiranye.

Umurwi w’abanyeshure bivurwa ko ari imbonerakure, akaba aribo bari bafise amabuye n’amahiri biboneka ko bahanganye n’umurwi wundi, uhagaze iruhande y’aho barabira imboneshakure. Igihe abamenyeshamakuru bariko barabaza intandaro ya vyose bafata n’amasanamu, umurwi w’abo vyavurwa ko ari imbonerakure, bakaba baciye badutera iminana y’amabuye. Umupolisi yari aho, akaba yaciye asaba ko ivyo gufata amasanamu vyohagarara, kugira ivyahuha ntibihuhuke.

Abafise amabuye n’amahiri imbere y’inyubakwa basanzwe bafunguriramwo, bakaba bariko baragira n’ikarashishi biboneka ko bariko baratera ubwoba abandi. Abanyeshure twashoboye kuvugana bakaba batangazwa n’iyo nyifato y’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD, mu gihe batera amabuye abandi, kandi igiporisi kirorera, abandi bakagira ikarashishi ry’iterabwoba ico giporisi biboneka ko carengewe, ntibanababuze. N’agashavu kenshi, umwe mu banyeshure akaba yavuze ko ico giporisi kiri aho kugira gicungere ibikorwa vy’izo mbonerakure.

Ivyo bikaba biri ukwo mu gihe ivyo bikorwa vy’abo banyeshure bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi atari ubwa mbere bibaye, ndetse bakaba bari banaherutse gukizura ico kigo nk’uko abanyeshure babandanije babitumenyesha. Bikaba ari n’igitangaza ku bw’umwe mu banyeshure bari mu nzego atashatse ko tumuvuga izina, atangazwa n’ibikorwa nk’ivyo bibera mu kigo gifise abakirongoye, abatera akajagari bakama ari babandi, ariko ntibigere bahanwa, ahubwo bakama bashigikirwa.

Abapolisi rero bakaba banarashe hejuru biboneka ko barengewe n’ako kajagari, kugira iyo mirwi ibiri ihagarike kurwana, ariko ntivyacureshe kuko bagumye bashamiranye ndetse abanyeshure bamwe bakaba bakomeretse.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko ubu igihugu cacu koko kirafise abagitwara bagikunda koko canke dutwaga nabacangero ? mana iri hejuru garukira uburundi bwacu tugeze aho umwansi ashaka birababaje.

  • Ababanyeshure. leta isabwa kubumviriza. bafise intumbero

  • kaminuza imwe muburundi inanirane?kuki ako kajagari kamaho?biboneka ko hari umugwi uriko urenganywa!nibabahe ibiganiro kuko inama isumba ingimba.ntidusubir kwumva amaraso muri kaminuza kuko ntateka biduha mugihugu!ni akamaramaza.

  • Ariko Mana niwibuke uburundi kuko twese ntaho turokwishikana kiretse wewe Mana uri hujuru ariko CDD FDD YIBWIRAKO IROHORA KUNGOMA MURABERASHA UBU NTAKUDUHENDA MUTUBWIRA IVYO MUTARI BUKORE IVYO KUDUHA IHARAGE CANKE AMAHERA HAMA TWABATORA MUKABA ABAMBE MUBWICANYI.

  • Ntagitangaza kirimwo kuko Université ntiyosigara mu gihe igihugu cose ari akajagari!Ahubwo bari baratevye!
    Gaston ariko aha akazi abadakwije amanota akwiye ngo bava mu Cibitoke wewe wumva hasigaye iki ko iyo kaminuza yatemvye!

  • Jewe sinibaza ko,ivyo biriko birabera ngaho muri kaminuza yuburundi!none ubushiranganji bwamashure kaminuza ikukira burihe canke ubwumutekano bwo burihe!nakamaramaza mugihugu gifise abakirongoye!iyo reta nitange imihoho vyayinaniye.

  • Imana ifashe abarongoye uburundi barebe ibikwiye guhinduka.

  • ari n’incabw twari dufise,birabaje!!akajagari mumigambwe muri leta,no mumashure.u Burundi buzohava busubira Somalie.

  • Nukuri birateye ubwoba nagahinda kubona igihugu ngo gifise abakirongoye bakananirwa nogufata ingingo birababaje nukuri kubona akajagari nkako nomumashuri!!! Nukuri abasenga mudufashe gusengera uburundi kuko ibikiberamwo biteyubwoba

  • Mbega yemwe tuzoba abande numutwe wigihugu nawe:mbega abatagetsi bagiye he?atagihe cijana hatabaye akajagari mu kaminuza:Mana fasha uburundi bwarengewe pe :ariko nubukene ninzara benshi nivyo bibakoresha ntagitanganje

  • Nama navuze ko dutwaga nibuye.prerezida nkurunziza wewe mubaze gutera agapira,gutera amavoka,umuvugwabutumwa nawe arumubeshi,ngoyigisha abanakubuntu naho abigishakwica .Banyeshuri bakaminiza yuburundi ndabahaye pore..Ariko icerekwa nikibona ikibwigwa nicunva.Nimusabe imana ndabahaye icizero vyanga vyakunda Cndd fdd nisubira guta umutwe ngiratwara. vyanga mumashi, dushire mumigere kuko akari mumenyo yimbwagakuzwayo nubuhiri naho imbonera kure zibaza ngo iGisoda canke igipolice ari ivyabasenabanyina nibarindire hariho igihe!!!!bandana amakarushishi mwihende mwice numwe umunyeshure ???

  • mana mana unva amasengesho yabarundi bumutima tureke gitukana namwe bamenyesha makuru murabeneza amakuru yankisha abanyagihugu ubutegetsi ntimuyahe umwanya ugwaruka gwabarundi baha umwanya politique kurenza ibikogwa byiterambere nibatikubita agashi bazohora muri yegereyegere kwakwiga nibindi babibure raba NUB ukwisa ntiyarikwiye gusa kuriya mugihe yigira mwabantu bayikoremwo ibikogwa rusangi muvyanke muvyemere igihugu gitezezwbere namaboko yabana baco

  • Ibi bintu biriko bibera muri kaminuza y’UBURUNDI biratey isoni mugihe abo banyeshure aribo bategetsi b’ejo.Nagira mbasabe barengere inyungu bakura muri iyo migambwe barimwo kuko birateye isoni n’ikigongwe.Turiko twereka akarorero kabi batoyi bacu bari mu mashure mato ndetse nayisumbuye.

  • Umwa ahetswe neza asohora ukuboko. Universite Ntare Rugamba abanyeshure baho ko bamaze imyaka irenga ibiri bahejeje amashure ariko ubushikiranganji bukabima impamya bushobozi ntibibatere isoni zo kuguma babahererekana. Abo bobo barigira utwo bishakiye bakama mu ma yegereyegere ta buri musi. Nibashake bakore nibirenze ivyo kuko bararenze ihaniro.

  • Burya,abamenyeshamakuru bamwe bamwe barakwiye kwikebuka mu mwuga wa bo kuko inkuru bashikiriza rimwe na rimwe bashiramwo des passions,du sentimental et du côté penchant;igikuru ni uko bokwikebuka bakanamenya ko Abarundi baciye ubwenge,banaheshe icubahiro umwuga bakora!Ubwo,aha iyi nkuru banditse aha ni ko iri?Gutanga inkuru iri équilibrée vyoba vyiza,kandi ico kumenya wiba uhetse ukandukiza uwuri mu mugongo.Mbega uwifatanya n’umusuma aba ari iki?Ubwo uwu yanditse ino nkuru arazi kahise ka kaminuza koko?mbega hoho,yoba yaratohoje neza mw’ido n’ido ngo amenye KAMINUZA Y’UBURUNDI ICO ARI CO?Mwitondere rero inkuru zishikirizwa kuko ico kumenya aho mwabukaranga twari hejuru y’urujo.NON AUX BRAVADES!places de l’unité twarazihaze mu bigo vya Kaminuza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.