IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igipolisi cugarije ku kibanza benshi bita kuri "BATA"

Igipolisi cugarije ku kibanza benshi bita kuri "BATA"

mercredi 11 Nyakanga 2013

Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, igipolisi kiriko kirafata abantu ku kibanza benshi bakunda kwita kuri « Bata », iruhande y’inyubakwa « Galérie BATA ». Umuduga w’igipolisi wari wakubise uruzura, biriko bivugwa ko wohava ugaruka gutora n’abandi. N’aho mu gipolisi bavuga ko ari umukwabu wo gutuza abasuma, abanyagihugu basanzwe bakorera muri ivyo bibanza bamenyesha ko ico gikorwa categuwe nabi kuko catumye imirimo yabo ihagarara.

Nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu, abantu bakorera mu micungararo y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura, niho baja babona imiduga y’igipolisi yo mu bwoko bita « Pick Up » ibashwaramwo, baca batangura gufata abantu bari bagandagaje mu kibanza benshi bita kuri « BATA » hamwe no mu micungararo yaho.

Abanyagihugu baridoga cane kuko muri ukwo gufata abantu bari aho ku kibanza BATA, bajaniranya abariko bivuna akanyota aho bita kuri KIOSQUE, ndetse abantu wasanga ari n’abashitsi baje bava hagati mu gihugu. Muri abo kandi bafashwe, hashoboye kumenyekana bamwe mu banyeshure bari bicaye aho bita kuri Kiosque.

Bamwe bavuga ko bari barindiriye zimwe mu ncuti zabo, abandi nabo bakavuga ko bari bahateramiye bisanzwe. Nk’uko abanyagihugu bari aho babimenyesheje, abantu bahagarikwa, burizwa imiduga y’igipolisi. Abapolisi batanguye gufata abatagira ibibaranga, ariko icagiye kubatangaza, n’uko yaba ababifise n’abatabifise bose bafatwa bakurizwa imiduga y’igipolisi.

Ikibanza Galérie BATA ubu kirugarijwe n’abapolisi benshi, mbere aho twahaca cari cugaye. Imodoka ya mbere y’igipolisi ikaba yamaze gushikana ahantu abo bantu bariko barajanwa, mu gihe n’iyindi yaciye ishika muri ako kanya nyene baca bayipakiramwo abandi bantu basanze muri ico kibanza. Ntawuzi aho bajanwa, ariko amakuru ava aho kuri BATA avuga ko hoba harimwo imvo z’amatohoza yoba ariko arakorwa n’igipolisi.

Uwari arongoye ico gikorwa OPP1 Kenyata Joseph yaganiriye n’abamenyeshamakuru ba IGIHE, amenyesheje ko baramutse bashaka kugabanya akajagari kari muri ivyo bibanza bivugwa ko vyoba bikoraniramwo abasuma. OPP1 Kenyata Joseph ajejwe umutekano mu gisagara ca Bujumbura, araremesha abavuga ko mu gufata bajaniranije batarinze kurobanura abariko bararengana canke abafise ibibaranga. " Nitwabashikana turakora amatohoza, abafashwe bongere babazwe n’inyamiramabi. Uwo tuza gusanga yafashwe bidakenewe turamurekura, nayo uwuza kugira ico yiketsweko, amatohoza aca abandanya."


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.