Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisasu caraye gitewe i Goma buca Ban Ki-Moon ahagendera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igisasu caraye gitewe i Goma buca Ban Ki-Moon ahagendera

Igisasu caraye gitewe i Goma buca Ban Ki-Moon ahagendera

jeudi 23 Rusama 2013

Igisasu caguye mu gisagara ca Goma gihitana umunyagihugu, abandi benshi barakomereka, mu gihe ingabo za Leta ya Congo zimaze gatatu zitana mu mitwe n’abarwanyi ba M23.

Muri izo ntambara zimaze imisi itatu, bakoresha ibirwanisho bikomakomeye.
Ugutangura kw’izo ntambara guhuriranye n’urugendo muri Congo rw’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon.

Ban Ki-Moon yitezwe aho mu gisagara ca Goma uno musi kuwa kane.
Izo ntureka zadutse ku munsi wa mbere mu buseruko bwa Goma, inyuma y’agahengwe kari kamaze amezi atandatu, mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari rimaze kurungika aba mbere mu bagize inteko nshasha.
Izo nteko zikazoba zijejwe kwaka ibirwanisho imirwi yose irwanya Leta ya Congo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.