Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Igisata c’abigenga giteye imbere, ntankeka n’ubutunzi bw’Uburundi buzotera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > "Igisata c’abigenga giteye imbere, ntankeka n’ubutunzi bw’Uburundi buzotera (...)

"Igisata c’abigenga giteye imbere, ntankeka n’ubutunzi bw’Uburundi buzotera imbere"

samedi 14 Kigarama 2013

Icegera ca kabiri Gerevasi Rufyikiri yaruguruye icese uruganda rwo kwemeza integuro y’amategeko ajanye n’ivyohinduka mu vyerekeye guteza imbere abanyamitahe.

Muri urwo ruganda rwo kwemeza integuro y’amategeko ajanye n’ivyo hinduka mu Burundi mu vyerekeye guteza imbere abanyamitahe, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri, mw’ijambo ryiwe yahamagariye abanyamitahe bose gukomeza gukorera hamwe kugira igihugu c’Uburundi gishobore gutera imbere mu vyerekeye ivyo gukora imigambi. Abandanya avuga ko, mu gihe igisata c’abigenga cotera imbere, ata nkeka n’ubutunzi bw’igihugu bwo kwisununura, n’iterambere mu mibano ryoboneka.

Tubibutse ko mu cegeranyo giheruka gushirwa ahabona n’umuyobozi w’umurwi (Global indicators and analysis ) wo mw’ibanki y’isi yose wakoze ico cegeranyo cashize Uburundi mu bihugu cumi vyateye imbere mu vyo kworohereza abanyamitahe.

Ico cegeranyo cerekana ko mu bihugu mirongo ibiri vyateye intambwe mu bijanye n’ubudandaji n’ukworohereza abanyamitahe kurusha ibindi, icenda muri vyo ni ivyo muri Afrika yegereye Sahara, ivyo navyo ni : Burundi, Sierra Leone, Guinée Bissau, Rwanda, Togo, Bénin, Liberia, Côte d’Ivoire na Guinée.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.