IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Igisata ca Génie Civile kuri kaminuza y’umuco (Université Lumière) (...)

Igisata ca Génie Civile kuri kaminuza y’umuco (Université Lumière) cafuswe

vendredi 10 Gitugutu 2014

Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwafashe ingingo yo guhagarika igisata cigisha ivyo ubuhinga muvy’inyubako "Génie Civile" kuri kaminuza yitiriwe Umuco "Universite Lumière de Bujumbura."

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 9 Gitugutu, niho ubwo bushikiranganji bwafata ingingo yo gufuta ico gisata. Abanyeshure biga muri ico gisata bakiriye nabi iyo ngingo kuko bari bamaze hafi amezi arenga icenda biga, kuko batanguye umwaka mu kwezi kwa Nzero 2014, bakaba bari bageze mu gice ca kabiri c’umwaka, ico bita 2ème semestre. Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwo busigura ko bwafashe iyo ngingo yo gufuta ico gisata kuko kidakwije ibisabwa n’amategeko kandi ko bagitanguye batagishije inama umurwi ujejwe kwemeza ibisata.

Abasanzwe barongoye kaminuza y’umuco baratangazwa n’iyo ngingo yafashwe n’umushikiranganji mu gihe bari barasavye bakaba batari bwahabwe inyishu. Yaba abanyeshure hamwe n’abasanzwe barongoye kaminuza y’Umuco basaba ko iyo ngingo yohagarara.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.