Accueil > Amakuru > Amashuri > Igisata ca Génie Civile kuri kaminuza y’umuco (Université Lumière) (...)
Igisata ca Génie Civile kuri kaminuza y’umuco (Université Lumière) cafuswe
vendredi 10 Gitugutu 2014
Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwafashe ingingo yo guhagarika igisata cigisha ivyo ubuhinga muvy’inyubako "Génie Civile" kuri kaminuza yitiriwe Umuco "Universite Lumière de Bujumbura."
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 9 Gitugutu, niho ubwo bushikiranganji bwafata ingingo yo gufuta ico gisata. Abanyeshure biga muri ico gisata bakiriye nabi iyo ngingo kuko bari bamaze hafi amezi arenga icenda biga, kuko batanguye umwaka mu kwezi kwa Nzero 2014, bakaba bari bageze mu gice ca kabiri c’umwaka, ico bita 2ème semestre. Ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bwo busigura ko bwafashe iyo ngingo yo gufuta ico gisata kuko kidakwije ibisabwa n’amategeko kandi ko bagitanguye batagishije inama umurwi ujejwe kwemeza ibisata.
Abasanzwe barongoye kaminuza y’umuco baratangazwa n’iyo ngingo yafashwe n’umushikiranganji mu gihe bari barasavye bakaba batari bwahabwe inyishu. Yaba abanyeshure hamwe n’abasanzwe barongoye kaminuza y’Umuco basaba ko iyo ngingo yohagarara.
Floxella Karire
Messages
10 Gitugutu 2014, 16:27, par Cyrille
Ndibaza kubw’ineza yabarundi n’igihugu cabo ko iyo kaminuza boyireka,kuko vyogira ikimazi mugihe tuzi ko abarundi batari bake bamara amashure badashoboye kwironsa akazi mugihe leta itabibutse canke amashirahamwe.
10 Gitugutu 2014, 21:42, par IHUWIZEYE Juste
Vraiment kubwanje iyo ngingo ntiza ihumuriza abanyeshure