IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igisirikare bivurwa ko ari ica Tchad coba cateye abasirikare b’abarundi bari (...)

Igisirikare bivurwa ko ari ica Tchad coba cateye abasirikare b’abarundi bari muri Centrafrika

mercredi 25 Kigarama 2013

Igisikirikare c’Uburundi cariyemeje gushigikira igikorwa mpuzamakungu co gushigikira kugarukana umutekano mu gihugu ca Centrafrika, MISCA ( Mission internationale de soutien à la Centrafrique).

Mu gihe hari haciye iminsi igisirikare c’Uburundi kirungitswe mu gikorwa co kugarukana umutekano mu gihugu ca Centrafrika, kuri uyu wa mbere wa 23 Kigarama 2013, caratanye mu mitwe n’igisirikare c’abanya Tchad kivurwa ko coba gikorana n’abatavuga rumwe na Reta ya Centrafrika.

Amakuru ava mu Buraruko bw’umurwa mukuru w’igisagara ca Centrafrika amenyesha ko abasirikare b’Uburundi batse ibirwanisho abahoze ari abarwanyi ba Seleka bagera kuri batandatu bagirizwa kandi kuba barishe umutegetsi wo muri ico gihugu inyuma yo kumunyaga imodoka yiwe yariko agenderamwo.

Ponsiyano Hakizimana, afise ipete rya Lieutenant mu gisirikare, amenyesha ko abasirikikare ba banya Tchad batanye mu mitwe n’abasirikare b’Uburundi, baterana amagrenade, ariko Imana irakinga nta n’umwe yahasize ubuzima.

Abasirikare batatu b’abanya Tchad bararashe berekeza abasirikare b’Uburundi, ariko n’ubwo abasirikare b’Uburundi batari bafise uruhusha rwo kwivuna muri ako kanya, bararasa nabone, haca hakomereka abasirikare batatu ba banya Tchad. Bibaye uko, ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, abanya Tchad baciye baza kwihora barasa abasirikare b’abarundi mugabo abo nabo barirwanira.

Lieutenant Hakizimana akaba yamenyesheje ko ata vyononekaye vyoba vyahabaye kuko inteko za MISCA zahabaye hafi mu gucungera umutekano bikwiye.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.