Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitangaza c’umwana yavukanye ibiro 8 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Igitangaza c’umwana yavukanye ibiro 8

Igitangaza c’umwana yavukanye ibiro 8

vendredi 24 Nzero 2014

Iyo umuvyeyi afise imbanyi ntashobora kumenya uko uwo mwana afise mu nda ameze naho ubuhinga bwateye imbere hakaza ivyuma bibona umwana ari mu nda. Uwu muvyeyi ntiyibaza ko umwana afise mu nda apima hafi ibiro 8, yibaza ko ari umunzane udakora neza.

Ku bitaro vy’i Desert Valley Medical Centre d’Haesperia haravutse igitangaro c’umwana afise ibiro bitari biherutse kuvugwa kw’isi. Andrew Jacob Cervantez yabaye umwana wa mbere kw’isi w’uno mwaka avukanye ibiro vyinshi. Uwo yavukanye ibiro 6,87. Umunsi avuka abantu benshi bari baje gutangarira uwo mwana w’igitangaro. Igihe Vanessa w’imyaka 28 nyina w’umwana yari afise iyo mbanyi yaragiye kwipimisha. Abonye ibiro yibajije ko umunzane wapfuye. Uwo muvyeyi si ubwa mbere avyara umwana munini kuko Andrew Jacob Cervantez aje akurikira uwavutse afise ibiro 4,5.

Umwana wa mbere munini atawuraza amurusha yavutse mu mwaka w’1879, uwo yavutse afise ibiro 10,8. Uwo rero ntiyashoboye kubaho kuko yaciye apfa bukeye.
Uwo Andrew Jacob w’ibiro 8 yavutse arwaye, ariko nk’uko Daniel Cervantez se wiwe abivuga, ingorane zo guhema yari afise zaraheze ubu akaba akomeye.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.