Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitero c’abiyahuzi mu buraruko bwa Afganistan - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igitero c’abiyahuzi mu buraruko bwa Afganistan

Igitero c’abiyahuzi mu buraruko bwa Afganistan

lundi 20 Rusama 2013

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Rusama 2013, abantu bagera kuri cumi na bane bishwe mu gitero c’abiyahuzi cabereye mu buraruko bwa Afganistan.

Abandi icumi bakomerekeye muri ico gitero bivugwa ko cakozwe n’abatariba cahitanye kandi uwuserukira inama y’amahoro muri ako karere.

Uwuserukira Inama y’amahoro mu ntara ya Baghlan yaciye ahungira ku biro bikuru biri i Pul-e khomri, inyuma y’ukubona uwo mwiyahuzi aturikije igisasu iruhande yaho yari.
Nk’uko vyavuzwe n’umukuru w’abapolisi muri ako karere, uwo mubisha yari yambaye umwambaro w’igipolisi.

Mohammad Rasoul Mohseni yari kw’isonga ry’ibiganiro hagati y’abanya Afganistani haraheze imyaka itari mike yarahatswe kenshi kwicwa. Ico gitero ciyemerewe n’abatariba.

Si irya mbere abasanzwe bari mu nama yo kugarukana amahoro bicwa. Mu kwezi kwa Nyakanga 2011, uwahoze atwara iyo nama, Rabbani yaguye mu gitero nk’ico c’ubwiyahuzi.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.