Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitero ca M23 mu burasirazuba bwa Congo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igitero ca M23 mu burasirazuba bwa Congo

Igitero ca M23 mu burasirazuba bwa Congo

mardi 21 Rusama 2013

Mu burasirazuba bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo haravugwa ingwano hagati y’ingabo za Leta n’abarwanyi ba M23.

Biravugwa ko M23 yakoze igitero ku birindiro vy’ingabo za Leta biri mu maja ruguru y’igisagara ca Goma.

Umuvugizi w’igisirikare ca Congo, Olivier Hamuli, yamenyesheje M23 wakoze igitero ku ngabo za Leta, ku birometero 12 mu maja ruguru ya Goma.

Olivier Hamuli yabandanije amenyesha ko ingabo za Leta zasubije inyuma abarwanyi bo muri M23, inyuma y’amasaha abiri y’ngwano ikaze.
Ariko naho biri uko, M23 iragiriza ingabo za Leta kuba arizo zabanje kubagirako igitero.

Nibwo bwa mbere haba ingwano hagati y’izo mpande zompi kuva aho izo abo banyeshamba baviriye mu gisagara ca Goma, mu kwezi kwa 12 kw’umwaka uheze.
Ni nabwo bwa mbere kandi izo mpande zompi zirwana mu gihe i Goma hariko harungikwayo abasirikare ba ONU bagize umurwi udasanzwe ufite intumbero yo kurwanya abitwaje ibirwanisho, harimwo na M23.

Bimeze gutyo mu gihe umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame, mu kiganiro yagiranye na BBC, yagirije ingabo za ONU zibungabunga umutekano muri Congo avuga ko ataco zakoze mu kurondera umutii w’ibibazo bitera umutekano muke muri Congo, ndetse birabwe neza, hari aho izo ngabo zatumye ibintu birushiriza kwunyuka.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.