Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igitero cahitanye abantu 11 i Mogadiscio - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igitero cahitanye abantu 11 i Mogadiscio

Igitero cahitanye abantu 11 i Mogadiscio

dimanche 5 Rusama 2013

Abantu baharurwa kuri cumi n’umwe nibo bahitanwe n’igitero cakozwe n’umwihevyi i mogadiscio mu gisagara ca Somaliya kuri uyu w’Imana.

Nk’uko vyashikirijwe n’igipolisi co muri Somaliya, uwo mwihevyi yinjije umuduga yarimwo utezemwo ama bombe muya Leta yari mu rugendo, ivyo bikaba vyabereye mw’ihuriro ry’amabarabara abiri.

JPEG - 34.8 ko

"Ico gitero cahitanye abatari bake. N’ubu turacagenzura ivyononekaye, ariko abamaze kwitaba Imana bagera kuri cumi n’umwe », ivyo vyashikirijwe umwe mu bayobozi bo mu gipolisi, Mohamed Adan.

Umunyagihugu yari muri ico kibanza cabereyemwo ico gitero amenyesha ko yabonye ibiziga umunani, ariko ko abari mu muduga wa Leta ico gitero cari kigamije ataco babaye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.