Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igitero cahitanye abantu bane muri Libani
Igitero cahitanye abantu bane muri Libani
dimanche 26 Rusama 2013
Ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa rocket nivyo vyaguye mu gace k’umurwa mukuru wa Libani, i Beirut, agace kagenzurwa n’ingabo zaa Hezbollah.
Abantu bane bari abakozi b’abanyasyria nibo bakomeretse.
Ico gitero kibaye haheze umunsi umwe gusa umukuru wa Hezbollah, Hassan Nasrallah avuze ko ingabo ziwe zizobandanya kurwana ku ruhande rw’umukuru w’igihugu Assad, mu ntambara ibera muri Syria.

- Hassan Nasrallah, umukuru wa Hezbollah
Libani imaze kugenda yinjira buhoro buhoro mu ntambara ibera muri Syria, aho abayisilamu b’abasunni bafasha abarwanyi naho abaShia nabo bo muri Hezbollah bagafashe Leta ya Syria.
Floxella Karire