IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Igitigiri c’abigeme baheba amashure caraduze

Igitigiri c’abigeme baheba amashure caraduze

lundi 29 Mukakaro 2013

Mu gihe mu mashure makuru atandukanye bariko baratanga ivyegeranyo vy’ibikorwa vyaranguwe mu mwaka uheze, icabonetse n’uko igitigiri c’abana b’abigeme baheba amashure kiriko kiriyongera kurusha imyaka iheze, ivyo rero bikaba biba hataranagera ko umwaka w’ishure uhera.

Ku bice birenga 90 kw’ijana, ivyegeranyo vyerekana ko iryo hebwa ry’amashure kuri abo bana b’abakobwa riva ku mbanyi zitifujwe, aho abo bana bakiri imiyabaga usanga bafashwe ku nguvu n’ibisare canke ahandi naho vyabaye ku bushake bwabo, babahendeshejwe utuganuke tutagira ifatiro.

Ivyo rero vy’abigeme batwara inda bakiri mw’ishure bikaba binava ku bavyeyi basigaye ata kanya bakironkako gukurikirana abana babo.

Mwomenya ko imbere y’umwaka w’1993, intambara itaratera, abigeme biga batwara inda bari bake cane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.