Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iguides, uburyo bushasha bworohereza abanyamitahe bashaka kuza mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Iguides, uburyo bushasha bworohereza abanyamitahe bashaka kuza mu (...)

Iguides, uburyo bushasha bworohereza abanyamitahe bashaka kuza mu Burundi

jeudi 6 Ruheshi 2013

Ikigo ciyemeje guteza imbere abanyamitahe API cashize ahabona kuri uwu musi wa kane igenekerezo rya 06 ruheshi 2013 mu nyubakwa za city hill hotel urubuga ngurukanabumenyi rushasha rwitwa iguides.

Urwo rubuga ngurukanabumenyi www.theiguides.org/burundi ruzotuma abanyamitahe bo hanze bibonera bitabagoye amakuru yose akenewe ku vyerekeye ivyo kuzana imitahe yábo mu burundi.

Ayo makuru rero akaba yerekeye inzira zose zisabwa kugira umuntu ashobore kuzana umutahe wiwe ino mu Burundi,ibiciro bimwe bimwe ,ibisabwa mu vyerekeye amategeko agenga abanyamitahe ,ivyerekeye amakori n’ámatagisi,ukuntu inyubakwa zihari zimeze,amasezerano yakazi ngene yifashe mu burundi,amafranga inzu zipangwako bagereranije eka nibindi vyinshi bishobora kwereka uwo munyamitahe ,igihugu ashaka kuzanamwo umutahe uko kimeze
Harimwo kandi n’ivyerekeye uko imishahara yifashe mu burundi ,amafaranga ushobora gupangako inzu,ivyerekeye ikiguzi co kwiyunguruzako.

Ico gikoresho nyene iguides kiratuma umuntu abona izo ntambwe zose ashobora gucako nímpusha zose zisabwa mu gushinga amashirahamwe mu burundi.

Urwo rubuga nyene ngurukanabumenyi rurekana abantu bose , uwipfuza kuzana umutahe wiwe hano mu gihugu ashobora gucako.Hariho n’íkindi cuko kuri uwo muhora ushobora kubonako uturorero tw’amashirahamwe amwe amwe yazanye imitahe yabo hano mu burundi kandi vyabakundiye agakomera.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.