Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihimbazwa ry’umusi wahariwe ingezi ryabereye ku nkengera za Tanganyika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ihimbazwa ry’umusi wahariwe ingezi ryabereye ku nkengera za Tanganyika

Ihimbazwa ry’umusi wahariwe ingezi ryabereye ku nkengera za Tanganyika

vendredi 4 Gitugutu 2013

Mu Burundi, umunsi mukuru mpuzamakungu w’ingenzi whimbarijwe kuri uno munsi wa gatanu ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ku civugo "Igisata c’ingenzi n’amazi : Dukingire kazoza rusangi kacu.". Uwo munsi mpuzamakungu uhimbarijwe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika kugira berekane akamaro k’amazi meza mu guteza imbere igisata c’ingenzi.

Denise Nijimbere, icegera c’umuyobozi w’ikigo c’igihugu kiraba igisata c’ingenzi mu Burundi, ONT (Office Nationale du Tourisme) yamenyesheje ku munsi w’ejo uwo munsi mukuru buca uhimbazwa ko intumbero nyamukuru yo guhimbariza uwo munsi mukuru ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ari uguhamagarira kubona akamaro k’amazi meza ku banyagihugu baba mu micungararo y’ikiyaga Tanganyika n’abarundi bose muri rusangi. Kubwiwe, abanyagihugu bari bakwiye kwigishwa ingene bobungabunga ikiyaga Tanganyika, itunga Uburundi busangiye n’ibindi bihugu nka Tanzaniya, Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo na Zambiya. "Amazi meza y’ikiyaga Tanganyika niryo terambere ry’igisata c’ingenzi mu Burundi".

Mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’ingenzi biciye ku kiyaga Tanganyika, Denise Nijimbere ahamagarira abanyagihugu kuvavanura n’ibikorwa bituma ikiyaga Tanganyika cononekara. Ariyamiriza kandi abasuka amazi mazi mabi mu kiyaga Tanganyika, ari nayo aca abangamira ibinyabuzima bibayo, bikanduruka mbere bihasiga ubuzima. Ntiyibagiye gukebura abakoresha uburyo butemewe n’amategeko mu burovyi, aho barokoresheje ubwo buyo barota amagi n’ibinyabuzima bitari bwagere, ingaruka nayo igaca iba ukuzimangana kwavyo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.