Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihinguriro Honda rizosubiramwo imiduga ibihumbi 852 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ihinguriro Honda rizosubiramwo imiduga ibihumbi 852

Ihinguriro Honda rizosubiramwo imiduga ibihumbi 852

samedi 19 Nzero 2013

Ihinguriro rihingura imodoka Honda ryo mu gihugu c’u Buyapani ryafashe ingingo yo kugarukana imiduga yababa 852 000 ifise ingorane y’agasaho k’umuyaga gafasha kwikingira iyo habaye isanganya, myinshi muri iyo ikaba yagurishijwe mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika.

Nkuko vyatangajwe kuri uno wa gatanu n’ikigo c’ihinguriro Honda kiri mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika,ngo iyo ngorane yibonekeza hanini ku ruhande rwo uwutwara imodoka utwo dusaho tumwe tukaba twaribagiwe igihe bariko barateranya izo modoka.

Ku murongo w’ingurukanabumenyi internet,ikigo ca Honda gikorera muri Amerika catangaje ko iyo utwo dusaho tw’umuyaga ataturimwo mu modoka bituma haba ugukomereka cane iyo habaye isanganya,ariko rero ihinguriro Honda ryamenyesheje ko gushika ubu ata sanganya canke uwakomeretse baramenyeshwa.

JPEG - 6.8 ko

Kubwo umuvugizi w’ikigo Honda co muri Leta zunze ubumwe za Amerika, ngo ibihugu 43 vyose hamwe nivyo birabwa n’iyo ngingo ariko igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kiza imbere kuko conyene gifise imodoka 748 843.Ibindi bihugu navyo nyene bidafise imiduga mike ni Canada ifise imiduga 44 760 hamwe na Mexique ifise imiduga 24 871.

Twobamenyesha ko imiduga irabwa n’iyo ngingo ari imiduga ikoreshwa mu mahiganwa hamwe n’imiduga ifise icicaro kimwe.Utwo dusaho bakaba bazosubira kutugenzura ngo canke bibaye ngombwa badusubirize.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.