Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihigwa buhongo ry’umuntu yigize ikiragi mu gihe Mandela yariko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ihigwa buhongo ry’umuntu yigize ikiragi mu gihe Mandela yariko (...)

Ihigwa buhongo ry’umuntu yigize ikiragi mu gihe Mandela yariko asezerwa

jeudi 12 Kigarama 2013

Ubutegetsi bo mu gihugu ca Afrika y’epfo bwatanguje urugamba rwo kurondera umuntu yigize ikiragi. Uwo muntu ariko araronderwa ni uwaza arasubiramwo, akoresha ibimenyetso n’amaboko, asigura ivyo abanyecubhiro baba bariko bavuga, kandi vyaboneka ko ivyo ariko agira bitagira mvura, bitagira insiguro. Aho hariko haba ibirori vyo gusezera ubwa nyuma Nelson Mandela.

Uwo mugabo ataramenyeka yari yambaye ikimenyetso c’uwujejwe umutekano, yarinjiye, maze afata icicaro ku ruhimbi abanyecubahiro bafatirako amajambo. Ashitse aho ntawe yavugishije atari uko yatanguye kwaya amaboko nk’uko yoba ari umuntu atahura imvugo y’ibaragi, akaba ariko asigurira ibandi baragi ivyo banyecubahiro bariko baravuga. Hari ku kibuga amahanga c’i Johannesburg, aho isi yose yariko isezera irya nyuma Madiba.

Abahinga b’imvugo iciye mu bimenyetso vy’amaboko, bamenyesheje ko uwo mugabo yariko yaya amaboko gusa, ataco yariko asigura kuko baravye ivyo yagira, nta ndome zizwi n’abasanzwe bakoresha iyo mvugo, cane cane ibiragi zarimwo. Ibiragi vyo muri Afrika y’epfo birababazwa n’inyifato y’uwo mugabo batazi ico yashaka gushikako.

Umushikiranganji wa Reta Collins Chabane ntiyatevye guha ikiganiro abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama 2013, aho yamenyesheje umwitwarariko wa Reta ku kibazo c’uwo mugabo yateye amakenga abantu bose bamubonye. Yaremeje ko Reta iriko ibikwirikiranira hafi, ariko ntiyamenyesheje umwanya amatohoza azomara, agereranije n’imyiteguro barimwo yo gushingura Mandela.

Fyonda aho munsi wirabire ivyo uwo mugabo yariko arakora


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Uyumugabo nanje narinabonye ko ivyagira kobitahura nuyundi mugore baribafise akazikamwe mazencanishiramwoko bishoboka kwabanyafrika twisangije gusimurira abatumva mubimenyetso, arikorero konumvise kobose bavuga kwataziguroyarimwo kuvyoyagira ndemeye kwatakozeneza, Arikoyasavyimbabazi kandi jewemazekumviriza ukoyasiguye ukoyarimerewe, mukumutahura naciye ngirumutima wikigongwe numwa amozozi araje mumaso mumutahure kandi mumubabarire.

  • none bari bateguye ko hari umuntu azosobanurira banyamuragi? nimba batari babiteguye kubera iki bamuretse?

  • Imanayarakinze!Imana yarakinze!Ivyo bintu birababajecane!kubon’umuntu yiyadukiza agakorivyo?harabayugusamaragukomeye cane.Abajejw’umutekano barihe?Abateguy’urubanza ntibabibona? ntiwumviyashaka kwabategetsibacu barikurwayo? ukwogusamara ntikuzegusubire kubahomw’isinzima.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.