Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihura ridasanzwe rya Mahmoud Abbas na Shimon Peres i Vatikano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ihura ridasanzwe rya Mahmoud Abbas na Shimon Peres i Vatikano

Ihura ridasanzwe rya Mahmoud Abbas na Shimon Peres i Vatikano

lundi 9 Ruheshi 2014

Ni ibintu bitokwibajijwe n’umuntu, kubona Mahmoud Abbas arongoye Parestina ahoberana na Shimon Peres arongoye Isirayeri. Ku butumire bwa Nyenubweranda Papa Fransisko, izo ndongozi zarahuye, ziragira isengesho ryo gusabira amahoro ku bihugu vyabo.

Mu cibare c’i Vatikano niho indongozi ya Parestina, Mahmoud Abbas yahura n’umukuru w’igihugu ca Isirayeri, Shimon Peres. Iryo hura rikaba ryabaye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 8 Ruhenshi 2014, ku butumire bwa Nyenubweranda Papa Fransisko, umwungere wa Ekereziya Katorika. Umukuru w’idini ry’aba orthodoxe, patriarche Baruteromewo, akaba yari muri ivyo birori bidasanzwe vyo gusengera amahoro mu karere gaherereyemwo Isirayeri na Parestine.

Ukwambaza amahoro ” nico cari icivugo n’intumbero yiryo hura ry’indongozi za Isirayeri na Parestina. Iryo sengesho rikaba ryariko rigirwa n’abava mu madini atatu atandukanye. Ivyo abahinga mu vy’amadini bavuga ko ari nk’imbonekarimwe muri kahise k’isi.

Papa Fransisko aho yafata ijambo ahagatiwe n’abo batumire, yagize isengesho agira ati : « Twaragerageje incuro nyinshi, mu myaka itari mike, gutorera inyishu y’amatati yacu dukoresheje inguvu n’ibirwanisho ; ibihe bibi birimwo n’umwijima, amaraso araseseka, ubuzima bwinshi burazimangana, ivyizere vyinshi birahera… ariko utwigoro twose twabaye impfagusa. Ubu rero Mukama, dufashe Wewe ! »

Mw’ijambo ririmwo n’isengesho umukuru wa Parestina Mahmoud Abbas yashirije yagize ati: « Ubutumire bwa Nyenubweranda bwari bwuzuye ubwira bwinshi cane. Iri sengesho turirungikiye abayoboke b’amadini atatu akomeye, ndetse n’ayandi bo muyandi madini : indoto yo kubona amahoro ntikwiye gupfa».

Iyo ndongozi ya Parestina ikavuga kandi ko ataco bahagarika mu kurondera inyishu z’ibibazo vy’abanyaguhugu ba Parestina na Isirayeri. Kuko, nk’uko abivuga, birakwiye ko abo banyagihugu baba kubutaka buzwi n’amakungu kandi mu mahoro. Mahmoud Abbas ati : « Na rimwe, ntaguheba inzira y’ibiganiro ».

Shimon Peres ku ruhande rwiwe, imbere yuko uwo mubonano uba akaba yari yashikirije ko Reta nshasha ya Parestina bikiyigoye. Bamwe muri iyo Reta, barumva uwo mugambi w’amahoro, abandi ntibawerekwe.

Uwo mubonano ukaba wasozerewe no gushira ivu ku biti biri mu cibare c’i Vatikano. Abo barongozi bakaba bashize iryo vu kuri ivyo biti bifatwa nk’ikimenyetso c’amahoro. Mwomenya ko n’umukuru w’ishengero ryaba orthodoxe nawe yifadikanije nabo muri ico kimenyetso.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.