IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Ikibazo c’agateka ka zinamuntu kiraraje ishinga amakungu

Ikibazo c’agateka ka zinamuntu kiraraje ishinga amakungu

mardi 10 Kigarama 2013

N’ubwo hamaze gukorwa ibitari bike kugira agateka ka zina muntu ntigasubire guhonyangwa, haracariho intambwe zitari nke zorushirizaho gutsimbatazwa ku bijanye n’agateka za zina muntu.

Mu gihe kw’isi yose bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu, wama uhimbazwa uko umwaka utashe igenekerezo rya 10 Kigarama, umuyobozi mukuru w’ ishirahamwe INESCO, Irina BOKAVA amenyesha ko hakiri intambwe ndende yo gukomeza agateka ka zinamuntu.

Irene BOKAVA mw’ijambo ryerekeye uwo munsi mpuzamakungu, bimwe mu vyokorwa kugira agateka ka zina muntu kubarihizwe gusumba, hari ubwigenge mu gushikiriza iciyumviro umuntu aba afise. Kuri ukwo kwishira ukizana mu gutanga iciyumviro, bikaba bikiri intambanyi mu bihugu bitari bike vyo kw’isi, aho amategeko adakurikizwa uko asabwa.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe INESCO yamenyesheje ko mu bigiye kugorwa ku bijanye n’agateka ka zina muntu, bazoshimikira cane ku gateka k’abakenyezi no kwigenga kwabo, ivyo navyo, bikaba biri mu migambi y’ikimpbumbi y’iterambere yo mu mwaka w’i 2015.

Kuba bashize imbere agateka k’abakenyezi no kwigenga kwabo bikazotuma boshobora gutera imbere na rirya kw’isi yose abantu bagera ku miriyaridi 2,7 babeshejweho n’amafaranga ari munsi y’amadorari abiri ku munsi. Aha mwomenya ko hakiri abakenyezi n’abigeme batari bake badashoboye kuja mw’ishure canke ngo bayamare.

Frere Emmanuel Ntakarutimana arongoye umurwi ujejwe agateka ka zinamuntu

No mu Burundi, ikibazo c’agateka ka zina muntu, kiracaraje inshinga igihugu. Urwego rw’igihugu rwigenga rukingira agateka ka zinamuntu hano mu Burundi, CNIDH (Commission nationale Independante des Droits de l’Homme au Burundi) rugasaba abategetsi n’indongozi mu vya poritike gushira imbere kwihamganira hamwe n’inzira y’ibiganiro kugira birinde ivyohava bihonyanga agateka ka zinamuntu.

Emmanuel Ntakarutimana arongoye umurwi CNIDH yahamagariye inamanshingamateka mu nteguro yayo, gushiramwo ivyiyumviro vyumvikanyweko bizotangwa mu ruganda ruteguwe igenekerezo rya 19 na 20 Kigarama 2013, kugira bashire imbere umutekano wa bose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.