Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibuga c’indege c’i Bangui cahatswe guterwa n’abari mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ikibuga c’indege c’i Bangui cahatswe guterwa n’abari mu myiyerekano

Ikibuga c’indege c’i Bangui cahatswe guterwa n’abari mu myiyerekano

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Intambara zimaze iminsi mu gihugu ca Centrafrika zigeze ku rwego zitari bwagereko, nk’uko bimenyeshwa n’amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu ariko arafasha kugarukira ku banyagihugu bahura n’ivyago muri ico gihugu.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, harumvikanye urwamo rw’inkoho hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bangui, aho naho hakaba hari abariko bariyamiriza inteko mvamakungu harimwo iz’abafaransa. Abo bariko bariyamiriza izo nteko, bakaba bararashe batumbereza muri abo basirikare, basanzwe aribo bacungereye ikibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bangui. Ababa mu makaritiye ari hafi y’ico kibuga c’indege, bakaba baraye umutima utari munda.

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe rikorera aho mu gihugu ca Centrafrika, rikaba rimenyesha ko ritewe impungenge n’ibiriko birabera muri ico gihugu. Iryo shirahamwe rero rikamenyesha ko amakungu adakwiye gufata minenengwe ikibazo c’umutekano, ahubwo abandi basirikare mpuzamakungu bakwiye kujayo kugira bafashanye n’abahasanzwe mu kugarukana amahoro.

Muganga Joanne Liu arongoye MSF avuga ko, abanyagihugu bo muri Centrafrika bafise ubwoba ku mutekano wabo, hashika kubarwayi ho, bikarushiriza. Avuga ko abarwayi bipfuza gukingirwa n’abaganga kandi n’abo uburyo atabwo bafise. Agasaba akanama gashinzwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gukora ibishoboka, kugira ingwano mu gihugu ca Centrafrika zihagarare, kuko abakomereka n’abapfa ku munsi ku munsi bagenda bariyongera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.