Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiganiro Perezida Pierre Buyoya yahaye IGIHE inyuma y’amabanga yo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikiganiro Perezida Pierre Buyoya yahaye IGIHE inyuma y’amabanga yo (...)

Ikiganiro Perezida Pierre Buyoya yahaye IGIHE inyuma y’amabanga yo kurongora Misma

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Mu kiganiro uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Buyoya yagiranye na IGIHE yavuzeko azokora ibishoboka vyose kugirango igice c’uburaruko bwa Mali kigaruke mu minwe ya Reta. Ni mugihe cari cigaruriwe n’intagondwa z’aba islam zitawaje ibirwanisho.

JPEG - 56.2 ko

IGIHE: Nyakubahwa perezida Buyoya ndabaramukije:

Pierre Buyoya: Nanje ndakuramukije.

IGIHE: Muherutse guhabwa amabanga yo kurongora ibikorwa vyose vya gisirikare vyo kugarukana amahoro mu buraruko bwa Mali, mwavyakiriye gute?

Pierre Buyoya: Ayo mabanga mashasha n’ukuyumva neza. Si ukurongora igisirikare gusa ariko ni jewe muri kino gihe njejwe umugambi wo gufasha Mali kugarukana amahoro.

IGIHE: Uwo mugambi urimwo ibisata ibihe?

Pierre Buyoya: Harimwo ibice vyinshi. Harimwo ibice vya gisirikare, igisata ca politike kugirango igihugu ca Mali gisubire kuronka inzego za demokarasi, agateka ka zina muntu kubahirizwe, abasinzikajwe n’intambara bagarukirweko kandi haboneke ababitaho n’ibindi. Jewe rero njejwe guhagarira ivyo vyose.

IGIHE: Hariho abandi mukorana bari munsi y’uburongozi bwanyu barongoye ivyo bisata?

Pierre Buyoya: Ego. Hariho abajejwe kurongora igisata icarico cose. Hanyuma naje njejwe guhagarira abo bose.

IGIHE: Muri kirya gikorwa, igihugu c’u Bufaransa nico cagiye imbere, ntimubona ko vyerekana ko ibibuhugu vya Afirika bidashoboye gutorera inyishu ibibazo vyabo?

Pierre Buyoya: Eh n’ikibazo kitoroshe kwishura. N’ukumenya ko hari ivyo tutishoboje. Harya muri Mali cahaye igitero gikomeye cakozwe n’intagondwa z’aba islam bagira iterabwoba bakuye ibirwanisho muri Lybie. Igihugu ca Mali conyene nticashoboye guhagarika iyo ntambara. N’ibihugu vya Afurika vyonene ntavyo vyoshobora. Biraboneka rero ko igisirikare c’u Bufaransa coco gifise uburyo n’inkomezi caciye gisubiza inyuma barya barwanyi kirababuza kubandanya bamanuka I Bamako. Ariko rero n’ibihugu vya Afurika biriko birafasha.

IGIHE: Murizeye ko muzotsinda zirya ntagondwa z’aba islam?

Pierre Buyoya: Nivyo bitegekanijwe kandi tuzobishikako. Ubu intambara zirabandanya kandi biriko bigenda neza n’abanyafurika baratanguye gufasha. N’ayahandi hoho ntaco twoba twaragiyeyo gukora. Ntankeka uburaruko bwa Mali tuzoruhuka tubwigaruriye.

IGIHE: Hariho intumbero y’uko ONU ihindura zirya ngabo ziba zimwe bita Casque Bleu hanyuma zikagumayo. Harico bizofasha?

Pierre Buyoya: Bizofasha cane kandi bizoba vuba. Hazoca haboneka uburyo buhagije kuko twebwe muri Afurika atabwo dufise. Harabaye inama yo kurondera uburyo ariko birakenewe ko na ONU ifasha kandi igihe kubikora.

IGIHE: Ibiganiro n’umuhari Ansar Dine bizobandanya canke bizoca bihagarara hakomezwe intambara gusa?

Pierre Buyoya: Ego ibiganiro bizobandanya kuko ingwano za gisirikare ntizikwiye kugira Mali gisubire gutekana. Ariko bizobirwamwo kugira n’iyindi migwi igwana, abaserukira abanyagihugu bo muburaruko bwa Mali n’abandi bose babijemwo. N’ukuvuga ko ibiganiro bizobandanya ariko bitunganijwe ukundi.

IGIHE: Perezida Buyoya, ndabakengurukiye.

Pierre Buyoya: Murakoze namwe.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.