IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikigo c’abamenyeshamakuru cugawe n’abaporisi

Ikigo c’abamenyeshamakuru cugawe n’abaporisi

lundi 27 Ndamukiza 2015

Ikigo c’abamenyeshamakuru (Maison de la Presse) catewe n’abaporisi, bahagaritse bongera basohora hanze abamenyeshamakuru bariko bagira ikiganiro c’uko imyiyerekano iriko iragenda biciye mu runani rwakozwe n’amaradiyo atanu

.

Urunani rw’amaradiyo (Synergie des medias) rwari rugizwe na BONESHA FM, RPA ISANGANIRO, CCIB na RENAISSANCE bariko bakorera hamwe mu gutanga amakuru ajanye n’imyiyerekano iriko ibera mu gihugu cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Ikiganiro cariko kibera mu kigo c’abamenyeshamakuru. Niho rero hinjira aba porisi barongowe n’uwurongoye igiporisi mu gisagara ca Bujumbura. Yari yitwajwe umutahe wo kwugaza no gusaka muri ico kigo. Muri iyo ntumbero nyene, abameyeshamakuru bari mu runani basohowe ku nguvu, maze ikiganiro kirahagarara, abamenyeshamakuru babanje gukubitwa amakofi.

Ayo maradiyo yagirizwa ko batera umutekano muke mu banyagihugu kubera bariko batanga inkuru zijanye n’uko imyiyerekano iriko iragenda hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava aho nyene muri "Maison de la Presse", n’uko hugaye kandi abariyo bose basohowe, hari kandi abanyagihugu isinzi basaba ko boreka abamenyeshamakuru bagakora akazi kabo. Ikindi ni uko abo ba porisi banse ibiganiro vyariko bisabwa n’abarongoye urwego rwo guhanura (Observatoire de la Presse Burundaise), n’uwurongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru Union Burundaise des Journalistes). Abo basavye ibiganiro nk’uko vyagenze ejo hahise igihe RPA yagira yugarwe, ariko uwurongoye igiporisi mu gisagara ca Bujumbura yavyanse.

JPEG - 249.7 ko
Patrick Nduwimana, arongoye RSF Bonesah FM

Gushika ubu rero ikigo c’abameyeshamakuru kirugawe, abanyagihugu barajumarariwe kandi biboneka ko bafise ishavu. Aba porisi n’abo baraho eka na bamwe mu bamenyeshamakuru b’aba abo mu Burundi canke bakorera ibinyamakuru vyo mu makungu baraho.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.